Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu bategetsi ba OBR bakekwa kuba inyuma y’ivyinjira muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bamwe mu bategetsi ba OBR bakekwa kuba inyuma y’ivyinjira muri (...)

Bamwe mu bategetsi ba OBR bakekwa kuba inyuma y’ivyinjira muri magendu

dimanche 3 Munyonyo 2013

SYGECO (Syndicat Général des Commerçants) iratewe amakenga n’abategetsi bamwe bamwe bo mu kigo gitororokanya amakori ya Reta OBR (Office Burundaise des Recettes) boba bafise imigambi n’ivyiyumviro biteye kubiri n’ibiganiro biriko biraba hagati y’abadandaza ibitenge bo mw’isoko kwa Siyoni, n’ikigo OBR, ku kibazo c’ibitenge bivugwa ko vyoba vyinjizwa kuri magendu amakori atarishwe.

Audace Bizabishaka, umukuru wa SYGECO (Syndicat Général des Commercants) amenyesha ko ayo makenga aturuka kuri bamwe mu bategetsi b’ikigo OBR bagiye ku munsi wa kane kwugurura mu kinyegero ububiko burimwo ivyo bitenge vyafashwe, bari kumwe na bamwe mu bandandaza b’abanyekongo bari mu bafise ibitenge muri ubwo bubiko. Bagenzi babo b’abarundi bashoboye kuhashika bamaze kumenya ko ububiko buriko burugururwa mu kinyegero barasubijwe inyuma, babwirwa ko ata wabahamgaye. Abo basubijwe inyuma bamenyesha ko ku ruhande hari imiduga ishobora kuba ari iyari ije gupakira bimwe muri ivyo bitenge vyagira bikurwe mu bubiko mu kinyegero.

JPEG - 94.3 ko
Audace Bizabishaka arongoye SYGECO

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku munsi w’ejo, umukuru wa SYGECO (Syndicat Général des Commercants amenyesha ko bitumvikana ingene abo bategetsi bihutiye kuja kwugurura ubwo bubiko, abandi batabizi, kandi ibiganiro vyari bigeze ku ntambwe ishimishije, ku buryo inyishu y’ico kibazo vyoba vyari bitegekanijwe ko imenyekana ku munsi w’ejo kuwa kabiri.

Audace Bizabishaka arongoye SYGECO amenyesha ko hoba hariho abategetsi bo muri OBR, kubw’inyungu zabo, boba badashaka ko ivyo biganiro bigenda neza, kuko boba bakorana na bamwe mu badandaza b’abanyekongo bivugwa ko binjiza ibitenge bitarishe ikori kuri magendu, kandi n’ubu bakaba babandanya bavyinjiza. Audace Bizabishaka asaba abarongoye ikigo OBR, n’umurwi w’amatohoza washizweho n’umushikirizwamanza mukuru wa Repubulika, ko bokora amatohoza, bakamenyesha igituma ubwo bubiko bwuguruwe mu kinyegero kandi amatohoza yari ageze ku ntambwe ishimishije.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ewe mushingantahe urihuta kuvuga kandi biboneka ko udatohoza upfa kuvuga ivyo abakenyezi bakubwiye. Erega umenye ko mubihe nkivyo abo bakenyezi bategerezwa gutwarwa n’agashavu bagatangaza ivyo bumvise vyose. Nawe ugaca ibitangaza mu bimenyesha makuru. Iyo utuma uguma hafi ya zirya modoka z’abanyekongo zikabanza zikabipakira nawe ugaheza ugafatira ukuboko mw’isaho. Hanyuma abo nanyonyezi bagakubitwa intahe mu gahanga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.