IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki-Moon asaba abarundi gusubira mu biganiro atawe bikumira

Ban Ki-Moon asaba abarundi gusubira mu biganiro atawe bikumira

mardi 18 Myandagaro 2015

Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon ariyamiriza urupfu rwahitanye col Jean Bikomagu,agasaba ko ibiganiro atawe bikumira vyosubira gutangura mu Burundi,mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo vya politike bihari kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza.

Abicishije mw’itangazo,umunyamabanga mukuru wa ONU arahoza umuryango wa col Jean Bikomagu yagandaguwe kuwa gatandatu igenekerezo rya 15 Myandagaro 2015,agatera ivyatsi ubwo bwicanyi.

Ban Ki-Moon amenyesha ko arajwe ishinga n’amabi afatiye ku bibazo vya politike abandanya gukorwa mu Burund,agashimira Reta ku ngingo yafashe yo gukora amatohoza,guhagarika no gushikana imbere y’ubutungane abagirizwa gukora ubwo bwicanyi.

Umunyamabanga mukuru wa ONU ahamagarira abarundi bose gutangura ibiganiro vyitabwe na bose mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi biciye mu mahoro.

Ban Ki-Moon arangiza amenyeshako ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryiteguye gushigikira utwigoro twose dufise intumbero yo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mbega Onu inzira ya mahoro nuko Pierre Nkurunziza ya rekura troisieme mandat,jewe kuva mvutse tagihugu ndabona gifite Leta gipfusha chef d’Etat major babiri tantambara igihugu kirimo,mu bwize ukuri Nkurunziza y’uk ayoboye igihugu kinda fite izego

  • Je mfise ikibazo Peter aryoherwa nuko abantu baguma bapfa bimutesh’ibahiro reka turindire abo Allah azobaratije ubuzima

  • Mbe Kimuni Nturamenya Ko Ingoran Muburundi Ziva Kukiringo Ca Gatatu Ca Nkurunziza? Mubwir Arekur Mandat Amahoro Acasasagara.

  • Mbe Kimuni Nturamenya Ko Ingoran Muburundi Ziva Kukiringo Ca Gatatu Ca Nkurunziza? Mubwir Arekur Mandat Amahoro Acasasagara.

  • niwivugire umunwantakori uriha mbiyowavugiyenturuha?muganicuhemberwa nkurunziza yaguhayigiturire sha abapfabose muri africa bosebarikugatwekawe umusi africa twikukiye tuzobasiribanga abazungu ntimuzongera kwibukwa ukundi

  • nta un ibaho nareke kutubesha ni un yamada yabanye politike gusa ati gwarateyivyatsi kubwicanyi iyaba dufise nkibitoro hoho iyo un ni yarikuba yaramaze kurugika iteko zayo zizagucugera amahoro twarabahinyuy nimureke gutumwanya mubishoboye nimubahagarike bose abobanye politike bose harimwo numukozi wabarundi we arikurondera manda yagatatu bari kuduteramaganya gusa twebwe bene burundi

  • Ki-moon ntibaguhende ngo icibazo gihari ni icikiringo ca3 ahubwo ni urwanko n’inzikira biri mubarundi kuko niyo Peter yorekura abantu babandanya bapfa,none Ndadaye ko bamunogoyemo amaso hari ivikiringo bamuzizaga!! ahubwo abarundi bagomba gutuza bagaturana vyanse bikunze.

  • Urinuakwubahwa ubukwiye uranuemeje, nonekwaringombwa kwabakoze ayomabi bategerezwaguhanwavyasebikunze, nonemwebwe munegura ijamborivuzwe numunyamabanga mukuru wa ONU mwivugisha ivyibiringo mubona yokwubahuka agashigikira abamazimisi bica abarundi akavigango ndabashigikiye nimukomeze mwice abantu kubera ikiringo? Mbentimusiko amakungu nayoyarimaze imisi ashigikira aba oppse Ko ukwohakomeza kubaho abicwa bahitanwe nabantu bakora nkivyihebe vya Mogadishu Somalia koyatanguye guhesha? Murabiziko mumisi iza harasohoka ivyerrkanako abakora ubwobwicanyi bajenkivyihebe barashorwahabona guhera kubarimugihugu gushika kubarihanze.

  • Mbe Basha Ban-kimoon Ko Agobwururimi Ntiyature Ngo Abwire Peter Arekure Iyo Manda Nikuki?? Umugani Wa Bikomagu Ahohamberehahise Ati"igisoda Gisambugwa N’ikindi" Nubu Ivyombona vyo Sahibiganiro!!! Harimwabantu Bamaze Kuba Ibihotore Mumitima.

  • burya peter imisi yiwe yashitse akinda agaramye akinda yubamye ntagihugu azosubira kurongora ahubwo aravye nabi azosiga yo agatwe.

  • ntakundi kuko vyarashitse!kand na peter yatway mwihangan

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.