Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Banki nkuru y’igihugu yiteguriye kugera aho itageze mu myaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Banki nkuru y’igihugu yiteguriye kugera aho itageze mu myaka (...)

Banki nkuru y’igihugu yiteguriye kugera aho itageze mu myaka 50

vendredi 6 Ruheshi 2014

Umukuru wa banki nkuru y’igihugu, Yohani Ciza, amenyesha ko banki arongoye irangura neza imirimo yishinze, haba mu kugenzura ikoreshwa ry’amahera, hamwe no gufasha kugira igihugu gitere imbere.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu, uwurongoye ibanki nkuru y’igihugu amenyesha ko mu myaka mirongo itanu iheze ibanki nkuru y’igihugu yaranguye neza imirimo yiyemeje, yaba kugenzura ibiciro, ikoreshwa ry’amahera hamwe no gufasha kugira igihugu gitere imbere. Iyo banki kandi yarakoze ibijanye n’ukugenzura amabanki y’ubudandaji hamwe n’amashirahamwe yo kuguranana ko akora neza. Ikindi kandi iyo banki isanzwe ishinzwe ni ukuraba ko amafranga atoguma ata agaciro.

JPEG - 3.3 Mo
Yohani Ciza, umuyobozi wa banki nkuru y’igihugu

Urugero rw’ingene ibiciro bigenda birahindagurika (taux d’inflation) rugenda rugabanuka uko imyaka igenda. Mu mwaka uheze, ibiciro vyahindaguritse gushika ku bice 7,9 kw’ijana, mu gihe muri uno mwaka gushika mu kwezi kwa Ndamukiza vyahindaguritse gushika ku bice 4,8, nk’uko Ciza Yohani Ciza, umukuru wa banki nkuru y’igihugu abandanya abishikiriza.

Ku cerekeye naho ifaranga ry’agaciro, aho mu mwaka w’1971 idorari ry’abanyamerika ryagurwa ifaranga ry’amarundi, ariko muri uno mwaka w’2014 rikaba rigeze ku mafranga y’amarundi arenga 1500, asigura ko atari ibanki nkuru y’igihugu ishinga ibiciro, ahubwo isoko n’iyo ishinga ivyo biciro.
Muvyo banki nkuru y’igihugu igiye gukora rero akaba ari ukubandanya bafata iyo ntumbero nyene yo kuraba ingene ibiciro vyoguma ku rugero rumwe ntibibandanye biduga. Ibanki nkuru y’igihugu igiye kandi kubandanya ihanahana ubumenyi n’ayandi ma banki yo mu karere hamwe n’amabanki y’ibihugu biteye imbere, kugira iyo banki nayo ije ku rugero rw’ayandi ma banki na rirya Uburundi buri mu bihugu vyateye umukono ku masezerano ajanye no gukoresha ifaranga rimwe (union monétaire) mu bihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Tubibutse ko ibanki nkuru y’igihugu imaze iminsi itanu yigina imyaka 50 imaze ibayeho. Kuri uno wa gatanu ikaba yari yatunganije inama (symposium) yahuza ibihangange mu vyerekeye ubutunzi, hamwe n’abagize ivyigwa bijanye n’ubutunzi mu ntumbero yo kwiga no kuganira ku vyerekeye poritike ijanye n’amafaranga kugira bikunde ubutunzi bw’igihugu bwisununure.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.