Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bantaho nikora bagiye gutegekeranirizwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bantaho nikora bagiye gutegekeranirizwa

Bantaho nikora bagiye gutegekeranirizwa

mercredi 26 Munyonyo 2014

Komite igizwe n’abashikiranganji 11 niyo iriko iriga umugambi wo gutegekeraniriza ba ntahonikora, ndetse uwo mugambi ukaba washizweho mu mwaka w’ 2011.

Uyo mugambi wo gutegekaniriza kazoza uzoshimikira mu kuvuza abanyagihugu no kuvyerekeye gutegekaniriza amikoro ba ntahonikora co kimwe no kubaha akazi bafise inguvu mu bikorwa bikeneye abakozi benshi, eka mbere n’inzego zizoshira mu ngiro uwo mugambi zashizweho nk’uko bivugwa na Michel Nyabenda umunyamabanga nshingwabikorwa w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegekeraniriza kazoza abanyagihugu.

Avuga ko urwego rw’igihugu rushinzwe gushira mu ngiro uwo mugambi, amakomite atandukanye, ku rwego rw’igihugu ngo hari komite igizwe n’abashikiranganji 11, komite y’abahinga, komite yo mu ntara n’amakomite ya komine, hakaba n’urwego nshingwabikorwa rugerageza gutegura ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi. Nyabenda yamenyesheje ko hariko harategurwa uburyo bwo gushira mu ngiro uwo mugambi.

Muri uwo mugambi harategekanijwe ikigega kizoshigikira imigambi yo gutegekaniriza kazoza abanyagihugu. Uburyo buzoja muri ico kigega buzova henshi, buzotangura kuva mu barundi mu gutanga amakori atavuna, amashirahamwe yishinze gutegekaniriza kazoza abakozi azoterera, n’abasanzwe bashigikiye Uburundi bakazoterera.

Mukamenya ko hamaze gutorwa intumbero nyamukuru izoshimikirwako mu gushira mu ngiro uwo mugambi. Uwo mugambi wo gutegekaniriza kazoza abanyagihugu uraba ubwa mbere abatishoboye kuko ataco baba bafise hakazoba n’ icigwa kizofasha kudondora mu buryo burashe ba ntahonikora abo ari bo mu gihugu kugira ngo iyo migambi izobe aribo aherako.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mukoze ahonyaho! Maze umuntuwese arosakazi burundi kabaka reta canecabikorera utwabo hakabahariho udufarangadukeya tugendamukigega cogufasha bantaho nikora, maze mukiga nukontu mwozamurabashikiriza akogafasha mukoresheje kubaha amahera ariko atari kashi kandimukareba ibintuvyinkoramutima vyemererwa kuwufashwa kwagura nkakarorero akabatemerewe kugura ibiboreza, mubigizenkukonumvise mwabivuze vyofasha abanyagihugu kuzabarasengera abarose akazikubera bababaziko gukorakwabo gutumahegeranywa akantu kogufasha bantahonikora cokimwenokurushaho kumenyako umurwizatunga arikirumara mugihugu kukomumisiyaheze umurwizatuga yarabangamirwa cane nababanyibiwe arinacogituma mugendamubona iyohagize umurwizatunga aterimbere yihutira kwimukira mubisagara kuberababa babona ababanyibaguma babatara imisi arikohabaharimwo nokurondera ahari abakiriya beshi ngoyunguke canekurusha.

  • IBIRANGA NTAHONIKORA:Ari munsi ya18ans,Abeshejweho no gusega,Ntagira uwumutunga,Afise ubumuga ku mubiri canke ku mutwe,Amaze amezi atandatu ahungutse _Ni umuphakazi:abeshejweho no gusega,Afise ubumuga ku mubiri canke mu mutwe,Amaze amezi 6 ahungutse,Ntagira ikimufasha _Umuntu arenza imyaka 60,abeshejweho no gusega,ntafise ikimutunga,amaze amezi 6 ahungutse.Gusa twempi ntawishoboye sauf DIEU yo nyene idushoboza pour dire que turi bantahonikora!arko nukuraba muriyi mirwi itatu yokubahirizwa,tutibagiye ko uyumunsi ushobora kuba uri Ntaho ejo ukogorora,canke wogoroye uyu munsi ejo uzosanga wabaye Ntaho:AHO BITUNGANWA NEZA BAZA BARATORWA APRES 3mois OU 6mois,KURABA ABOGOROYE,CANKE ABABAYE Ntaho

  • IBIRANGA NTAHONIKORA:Ari munsi ya18ans,Abeshejweho no gusega,Ntagira uwumutunga,Afise ubumuga ku mubiri canke ku mutwe,Amaze amezi atandatu ahungutse _Ni umuphakazi:abeshejweho no gusega,Afise ubumuga ku mubiri canke mu mutwe,Amaze amezi 6 ahungutse,Ntagira ikimufasha _Umuntu arenza imyaka 60,abeshejweho no gusega,ntafise ikimutunga,amaze amezi 6 ahungutse.Gusa twempi ntawishoboye sauf DIEU yo nyene idushoboza pour dire que turi bantahonikora!arko nukuraba muriyi mirwi itatu yokubahirizwa,tutibagiye ko uyumunsi ushobora kuba uri Ntaho ejo ukogorora,canke wogoroye uyu munsi ejo uzosanga wabaye Ntaho:AHO BITUNGANWA NEZA BAZA BARATORWA APRES 3mois OU 6mois,KURABA ABOGOROYE,CANKE ABABAYE Ntaho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.