Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Basaba ko integuro y’ibwirizwa nshingiro isubizwa muri Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Basaba ko integuro y’ibwirizwa nshingiro isubizwa muri Reta

Basaba ko integuro y’ibwirizwa nshingiro isubizwa muri Reta

mercredi 27 Munyonyo 2013

Kuva aho integuro y’ibwirizwa nshingiro itereye icuka kibi hagati y’imwe mu migambwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, abashingamateka bahurikiye muri Uprona, Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye n’umurwi w’abatwa, bandikiye umukuru w’inama nshingamateka Piyo Ntavyohanyuma, bamusaba ko integuro y’ibwirizwa nshingiro isubizwa muri Reta.

Abo bashingamateka bakaba banditse basaba umukuru w’inama nshingamateka ko integuro y’ibwirizwa nshingiro, yosubizwa muri Reta, kuko vyagaragaye ko iyo nteguro itizwe na bose mu nama nshikiranganji. Mu mugambwe wa Rwagasore rero bakaba bavuze ko iyo nteguro y’ibwirizwa nshingiro, yashuhagijwe n’umugambwe CNDD FDD igihe muri uyo mugambwe, bari mu gikorwa co kubogoza uwari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Terensiyo Sinunguruza.

Tukabibutsa ko abasanzwe bari kumwe n’abagumyabanga ba CNDD FDD mu nama nshingamateka, aribo abadasigana ba Uprona, abari muri Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye hamwe n’umurwi w’abatwa, barahira ko batazigera bashigikira umugambwe uri ku butegetsi mw’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro, hamwe iyo nteguro itosubirwamwo, canke ngo ivuganweko na bose.


Aristide Nizigire

Messages

  • Hahora haba ukunyinyurana nukutumvikana mugutora amategeko agenga igihugu hagati yaba CNDD-FDD nabari muri Oposition,none ubu hagiyemwo ukutuvikana mugutora ibwirizwa nshingiro ry’uburundi basanzwe bari muri Leta nka Frodebu Nyakuri,Uprona hamwe n’Abatwa,sha ntivyoroshe pee!!!,ariko nkabona iribwirizwa nshingiro riratowe ukorimeze ubu ridasubiwemwo nkuko abandi babisaba bavyifuza,umugambwe CNDD-FDD nzoca ndayukurira inkofero vuga nti:<Nukomere koko uri Inkona>abandi nibakuve inyuma waramaze gutsimbatara mugihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.