Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Basaba umukuru w’igihugu guhagurukira ikibazo c’Imbonerakure za CNDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Basaba umukuru w’igihugu guhagurukira ikibazo c’Imbonerakure za CNDD (...)

Basaba umukuru w’igihugu guhagurukira ikibazo c’Imbonerakure za CNDD FDD

mercredi 22 Nzero 2014

Umugambwe SAHWANYA-FRODEBU urababajwe n’ikubagurwa ryakorezwe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD ku banywanyi b’uwo mugambwe SAHWANYA FRODEBU muri komine Kayogoro, intara ya Makamba.

Mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU bamenyesha ko batangazwa n’ukubona musitanteri wa komine Kayogoro yari yatanze uruhusha rwo gukora inama ku banywanyi b’umugambwe SAHWANYA FRODEBU ku genekerezo rya 19 Nzero 2014, ku musozi Mugeregere, zone Bigina, ariko urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD ruca rubashwaramwo, rubabuza gukora iyo nama.

Mu gihe igihugu c’Uburundi kiriko citegurira amatora, Euphrasie Bigirimana, umunyamabanga mukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU asaba umukuru w’igihugu guhagurukira ico kibazo c’imbonerakure, kuko bibandanije ukwo, biboneka ko ata mugambwe n’umwe uzosubira gutunganya inama ku mutumba kiretse uwuri ku butegetsi. Bigirimana Ephrasie, umunyamabanga mukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU asaba kandi umukuru w’igihugu ko yokwibutsa abamutwarira ku mitumba hamwe no mu makomine, ko bofata kumwe abarundi bose harimwo n’abo badasangiye imigambwe, bakubahiriza ubutandukane bw’ivyiyumviro mu ntwaro rusangi.

Mu mugambwe SAHWANYA FRODEBU bahamagarira n’amakungu ko yokurikiranira hafi ikibazo c’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD, kuko bitumvikana ingene ubutegetsi bwohamagarira imigambwe kwitegurira neza amatora yo mu mwaka w’2015, ariko hagize abashaka gutunganya inama ku mitumba ntibabironkere uruhusha, abaruronse nabo bakaburabuzwa n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.