IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwokwirinda ibihano bushobora gufatirwa kubera Bob (...)

Uburundi bwokwirinda ibihano bushobora gufatirwa kubera Bob Rugurika

lundi 9 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Uburundi ni bukure mu nzira vuba bwango ikibazo c’ipfungwa ry’umuyobozi wa RPA, Bob Rugurika, kugira ntibwikwegere ibihano vyofatwa n’umuryango w’ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya mu nama itegekanijwe itariki 12 Ruhuhuma 2015.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2015, Umukuru w’ishirahamwe PARCEM, Faustin Ndikumana yasavye Uburundi ko butokinisha ikibazo c’ipfungwa ry’umuyobozi w’i radiyo RPA, Bob Rugurika kuko bushobora guhatigwa ibihano n’umuryango w’ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya (Union Européenne). Aho akibutsa ko Uburundi busanzwe buri mu bihugu bitanu vya mbere kw’isi bibeshejweho n’imfashanyo, nyinshi muri izo ziva muri uwo muryango, agatanga akarorero k’uwo muryango w’ubumwe bwa buraya usanzwe ufasha mu gusahiriza ikigega ca Reta (appui budgétaire), ukaba waratanze imfashanyo mu gutegura amatora, no mu gisata c’umuyagankuba n’ibindi.

Umukuru w'ishirahamwe PARCEM, Faustin Ndikumana

Kubwa Faustin Ndikumana, ikibazo ca Bob Rugurika si ikibazo gisanzwe kuko mu gihugu cubahiririza intwaro rusangi, nta mumenyeshamakuru aba akwiye kuzira umwuga wiwe kuko ukingiwe n’amategeko. Uburundi rero bworeka kuja muri sokwe niruze, bwiremereza uwo mu twaro, kuko bushobora gufatigwa ibihano n’uyo mugabane wa Buraya na cane cane bafatiye ku ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou.

Ishirahamwe PARCEM rikaba rihamagarira abategetsi b’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira barekure Bob Rugurika imbere y’inama y’umugabane wa Buraya itegekeanijwe kw’igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2015, kuko Uburundi bushobora kuzofatigwa ibihano.

Tukabibutse ko umuyobozi w’iradiyo RPA, ubu apfungiwe mw’ibohero rya Muramvya, akaba akurikiranwa ku vyaha bitatu, kuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwa babikiri batatu babataliyano bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique), gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat), hamwe n’ugutanga amakuru y’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction).


Alida S.

Messages

  • Nyakugira Imana Faustini we!
    Woba umaze guharura ibiganiro uha ku kwezi abamenyesha makuru?
    Wogira ngo muarafise complicité y’ingene muhanahana twa inuputs!

  • ABIZE BARIGA GUSHIKA HO BACIKA ABAKEHABWENGE. KUBONA FAUSTIN ATAZI GUTANDUKANYA; ISHIRAHAMWE RYABULUYA NIKIMWE; INFASHANYO NIKINDI; BOB RUGURIKA NICO NIKINDI; BOB RUGURIKA GUFASHA NOGUSHIGIKIRA ABISHE BARYA BABIKIRA NICO NIKINDI; SENTARE YUBURUNDI NICO NIKINDI NONE WONYEMEZA GUTE KO IVYOVYOSE NDONDAGUYE UCA UBIFATA UKABITERANYA NGO ATAREKUWE NGONIBIHANO HAHAHAHAHAHAHAAAA NIBABISHIREHO KUKO NAWE BIZOGUFATA UBIKA MUBURUNDI UGASUMIRA MUBURUNDI GUHONYOZA IKIRENGE HANZE MUZOBA MUSEZERANYE GUSHIKA BIHAVUYE HAMATUWOTE TWESE.

  • muzomaribinonko mwe muriko muhanura bantumva erega abategetsi bacu baramaze kumera nka maraya kuko Maraya niwataco yibanga

  • Hariho abantu bandika ibintu nkaha kurubuga nkayobegwa nimba barize nuwutize arazi aho isi igeze ama condition ibihugu rutura biha ibihugu bikenye kugira babihe ipfashanyo nuburundi burimwo icambe murivyo ni intwaro rusangi wew wiyita mvugusi tandukanya kuba umu dd no kuvuga ukuri murakoze

  • Nikoye njyebyanshishya nkigihe bafatira ibihano uburundi ngonuko yafunze uwomugabo murikuvuga rwose’ mwambaza ngonimpamvuki byagushimishya? Njye nagombambabwireko ubwo Bulayi murikuvugako bwafatira ibihano ubwoburundi bwanyu kubera uwomugabo afunzwe, nababwirako buzinezako umugore witwa Ingabire Victory ufungiwe mu Rwanda arimubambere bafunzwe barengana kw’Isi nzima, arikonyini barinumiye imyaka arikumara mwibohero murayizi. Vyanezeracyane bafatiye ibihano uburundi byafasha nyine kobagira abobaboneye kanababwirako byazababibi.

  • ariko namwe abarundi mwaragowe kabisa abo bazungu bahora babakangisha guhagagarika infashanyo nibazihagarikamuzaze mu Rwanda tubigishe uburyo twishakamo ibisubizo bakazizana tutazibasabye. abo bampatsibihugu ibyabo twarabimenye baba bashaka aho bagurisha intwaro zabo barakapuuu.

  • none abo bazungu bazokwama badutegeka n ukamengo ubutungane bwacu naco bumaze nibareke bukore nibamufungura kuberico bazoba berekanye ko iyo institution boyikura mu burundi none wumva boba bamaze iki mu gihugu cacu c ,uburundi kandi nabo bazungu baradukeneye nabo nyene kandi nibaza ko ivyo bihugu vyose bitari pour abarundi nitureme sibo bazotumara ubukene

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.