Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Batandatu bazohiganwa mu gice ca nyuma ca PRIMUSIC bamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Batandatu bazohiganwa mu gice ca nyuma ca PRIMUSIC bamenyekanye

Batandatu bazohiganwa mu gice ca nyuma ca PRIMUSIC bamenyekanye

lundi 2 Nyakanga 2013

Igice ca kabiri gishira ica nyuma c’ihiganwa rya Primusic cari kirindiriwe n’abantu benshi, aho mu baririmvyi 12 bari basigaye mw’ihiganwa bahuriye mu ntara ya Gitega, mw’ihiganwa ryo kumenya batandatu bazohiganwa mu gice ca nyuma, abandi batandatu basigaye basezererwe.

Ku munsi w’ejo kuw’Imana, mu ntara ya Gitega niho habereye ihiganwa ryo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Mu baririmvyi 12 bariko barahiganwa, umwe wese yahabwa umwanya wo kuririmba indirimbo imwe yari amaze indwi yose ariko ategurana n’abamufasha.

Inyuma y’aho abaririmvyi bahereje kwerekana ubuhinga bwabo, umurwi ujejwe gutanga amanota waciye uhitamwo batandatu babandanya ihiganwa. Babanje guteranya amanota umwe wese yaronse, bongerako ay’umuririmvyi yaronse atowe n’abanyagihugu bakoresheje urubuga ngurukanabumenyi rwa Primusic n’ubutumwa bugufi bwarungitswe kuri ngendanwa.
Abaririmvyi batandatu batsindiye kubandanya ihiganwa akaba ari Matabaro Patient, Katihabwa Samantha, Mujimbere Gabriel, Ntaganzwa Olga, El Pedro na Ninteretse Christian.

Ico giteramo kikaba cari citabiriwe n’abaririmvyi basanzwe ari abaserukizi ba Primusic muri uno mwaka, abo nabo ni Sat-b, Rally-Joe na Big Fizzo yatanguye kuja mu biteramo ihiganwa rigeze mu gice ca kane gishira ica nyuma.
Abanyagihugu bo mu ntrara ya Gitega akanyamuneza kakaba kari kose, aho bavuga bati : "Primusic ituzaniye ibihangange mu muziki w’Uburundi nka Big Fizzo tutari duherutse."

Ubu aho bigeze, abaririmvyi batowe bazohurira mu gice ca nyuma ku genekerezo rya 14 Nyakanga 2013.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.