Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bavuga ko barenganijwe mu gutangishwa ihadabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bavuga ko barenganijwe mu gutangishwa ihadabu

Bavuga ko barenganijwe mu gutangishwa ihadabu

lundi 6 Rusama 2013

Mu gihe umukuru w’igihugu yaramaze iminsi mu ntara ya Kirundo, hagati mu ndwi, yaraciye ku murwa mukuru w’iyo ntara kugira yifadikanye n’abanyagihugu baho mu kwubaka ishure iri muri zone Kirundo.

Umukuru wa zone Kirundo Jean Marie Nduwayezu yarateye akamo abanyagihugu ko kuza muri ico gikorwa, ariko bamwe muribo ntibashimye kuza kwitaba ivyo bikorwa, bavuga ko ibikorwa rusangi vyahawe umusi wa gatandatu gusa, n’umunsi wa mungu wagenewe gusenga, iyindi minsi yarekuriwe ibikorwa vy’imirimo ya minsi yose.

Abo batitavye akamo k’umukuru wa zone Kirundo benshi ni abadandaza b’ama butike n’amaduka bakaba baciye batangishwa ihadabu y’ibihumbi cumi vy’amafaranga y’amarundi. Gushika uno munsi,abo batangishijwe ihadabu baguma bamenyesha ko ari akarenganyo, ariko umukuru wa zone Kirundo abandanya asigura ko iyo umukuru w’igihugu yashimye gukora ibikorwa rusangi ahantu kanaka, abanyagigu bose bategererezwa kuvyitaba bakifatikanya hamwe nawe.

Abakurikiranye ico kibazo co kimwe n’abari mu migambwe itavuga rumwe na Leta bavuga ko iyo ngingo ari agahotoro kandi itumvikana kuko ataho yanditswe mu bitabu mpanavyaha, na cane cane ko ata mategeko ahari agenga ibikorwa rusangi. Benshi baca bibaza namba vyokunda ko misi yose abanyagihugu bokwama bari kumwe n’umukuru w’igihugu mu bikorwa arimwo.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Léonidas Hatungimana yamenyesheje ko ico ari ikibazo cobarizwa ahandi atari mu biro vy’umukuru w’igihugu, nko muri komine Kirundo kuko amakomine afise ubwigenge bw’ingene ategura ibikorwa vy’iterambere.


Egide Nduwimana

Messages

  • None ga yemwe vyokunda ko abanyagihugu bama bari kumwe n’umukuru w’igihugu muvyo ariko arakora vyose? Ashimye kuja mu bikorwa rusangi mu ndwi hagati ni uburenganzira bwiwe ariko ntivyosigura ko abarundi bose boca bamuguma inyuma. Erega we aba ari ku kazi, il faut que bareka n’abarundi bakore akazi kabo. None ubundi boca barya iki badakoze? Mbere umukuru w’igihugu niew yama ahamagarira abarundi kuja ku bikorwa... Abasabwe ayo mahera y’ihadabu nibayasubizwe maze uwo mukuru wa zone Kirundo abogozwe kuko umukuru w’igihugu ntiyamutumye yoza arugaza aho president ageze. Imyaka turimwo ubu ni iy’ibikorwa

  • Yemwe ico ciyumviro cumukuru wa zone kirundo ndagishigikiye kuko abo badandaza bategerezwa kumenya ko aribo boba akarorero kabandi mwiterambere ryintara yacu,tukaba tunashimiye umukuru wigihugu yibuke Kirundo kuko igeze ahatemba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.