IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bavuga ko bari mu kuribwa n’imvubu zo mw’i Tanganyika

Bavuga ko bari mu kuribwa n’imvubu zo mw’i Tanganyika

jeudi 18 Mukakaro 2013

Abanyagihugu bahungiye aho bita ku Mase hafi y’ikiyaga ca Tanganyika, basaba umuhuza w’abarundi ko yobafasha bakaronka aho baba mu gihe bavuga ko bari muguheba bakaribwa n’imvubu zo mu kiyaga Tanganyika.

Imiryango ishika kuri 86 niyo yari yituye umuhuza w’abarundi mu gihe bagiriza umukuru wa karatiye y’icenda (Q9) mu Ngara ko yahaye abandi ibibanza vyo kwubakamwo, ariko bobo akabima. Abo banyagihugu bakaba bari bafise n’impapuro zo mu bushikiranganji bw’amatongo, impapuro bavuga ko ndetse baronse ari ukwo babanje gutanga amafaranga ibihumbi 16.000 vy’amafaranga y’amarundi, kugira baje mu bazoronswa aho baba.

Ndikumana Simewo, umwe mu bagira baje kubonana n’umuhuza w’abarundi ku bw’ico kibazo, yagiriza Prosperine Ndayishimiye umukuru wa karatiye y’icenda kuba yakoresheje ka mwana wa mama mugutanga ibibanza, ndetse akaba hari ngo nabo yoba yahaye ivyo bibanza ari ukwo babanje kumuterefona, haba mu ncuti ziwe eka n’abandi, nk’uko bivurwa na bamwe mubo twasanze ngaho.

Beatrice Hitimana nawe, avuga ko batangazwa cane n’ukwica amatwi kw’uyo mutegetsi arongoye karatiye y’icenda, mu gihe avuga ko yari yarabemereye ko ikibazo cabo azocitwararika cane, ndetse akabafasha n’ukugitorera umuti igihe abo banyagihugu bari bahamagariwe kwubaka ingoro y’umugambwe CNDD-FDD. Abandanya avuga ko uretse kwubatunganiriza nk’uko yari yarabibemereye, ahubwo n’uwumwituye ajanywe n’ico kibazo aca amubarira ko yoja iyo ashaka kwitwara.

Abo banyagihugu rero, basaba ko boronswa nabo aho baba nk’abandi nk’uko Leta yari yarabibemereye. Bavuga ko baronse ibibanza haba mu Maramvya canke mu Ngagara muri karatiye y’icenda, hose boshima. Bavuga ko iyo baje bava batahibuka kuko bamaze imyaka n’imyaka ari impunzi kandi baba muri nya kibanza.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.