IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Benjamin Mkapa yoba agiye gutanguza mu ndwi imwe ibiganiro bihuza (...)

Benjamin Mkapa yoba agiye gutanguza mu ndwi imwe ibiganiro bihuza Abarundi

vendredi 22 Ndamukiza 2016, par egide

Mu gihe ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi n’abatavuga rumwe nayo vyari vyahagaze, amakuru ava mu gisagara ca Dar-Es Salaam avuga ko vyoba bigiye gutangura mu kiringo c’indwi imwe gusa.

Ayo makuru ataremezwa na Reta y’Uburundi avuga ko ivyo biganiro bizoba biyobowe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, Benjamin William Mkapa, bikazobera hanze y’igihugu naho ikibanza kitaratomorwa. Ivyo biganiro bivugwa ko bizotangura kw’igenekerezo rya 2 gushika kurya 5 Rusama 2016.

Benjamin William Mkapa aheruka gutorwa n’abakuru b’ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko kugira atunganye ibiganiro bihuza Abarundi agiye gutanguza ivyo biganiro inyuma y’imibonano yagiranye n’abakuru b’ibihugu vyo muri uwo muryango, harimwo n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA babonanye kw’igenekerezo rya 18 Ntwarante 2016, mu ntumbero y’ugutegura ivyo biganiro.


IGIHE

Messages

  • nibabijemwo twese turonke amahoro.

  • Nagerageze abarundi twarushe mugabo sinzi kobizomworohera, nkurumbi aragoye

  • Ibiganiro bizoba muri 2016 ntabwo ari 2015. Uwo mwaka twarawurenganye abanyamakuru b’igihe ni mukosore.

  • Turashigikiye gose utwigoro twabahuza mugufasha abarundi kuronderera hamwe inyishu yibibazo vyugarije igihugu cacu biciye mubiganiro atawe bikumira kandi bibereye hanze yigihugu tukaba dusaba nyakubahwa mkapa gutumira aberwa nikibazo Bose atanumwe avuyemwo hama agaca asigara Araba utazohirahira ngwavyitabe tukamusaba gukora nka nyerere hamwe na Mandela kuko iyobatanga ubutumira hakagira uhirahira niyitabe Baca bamutangira raporo koriwe mugumutsi nubu rero ntaze avyibagire kanatsinda azayarabitanguye aho yamenyeshejeko akarwi kabagumutsi karongowe nuwahoze arongoye uburundi piter kwaribo badashaka ibiganiro ikindi twipfuza igihe ivyobiganiro vyobabitanguye nuko abobijamwo bohera kumwumvikano wokurungika inteko mumaguru masha zoja gutabara abarundi bariko baragandagurwa na karwi ka nkurunziza mbere hakaba hobamwo nigikorwa cokumucakira kuko yoshobora kubanda abera intambamyi ibiganiro canke akaba yoba intambamyi mwishirwa mugiro ryivyoba vyumvikanyweko ikindi nuko ivyobiganiro vyomara umwanyamuto bishobotse nkindwi2 gusa ikindi dusaba umuhuza nuko atohirahira ngwarekure abavyitavye badahejeje icogikorwa

  • EHE NKAKA KAMUJERI NGO NINZORUBARA KWITA NYAKUBAHWA NGO NI NKURUMBI NTASONI BIGUTEYE MBEGA IYONGWANO YAMAJAMBO NINDE IZOTERUBWOBA?NIMURINDIRE MANDA YANYU NTIRAGERA

  • Umuhuza azobahuza mukubabarira ko boose bajehamwe bakoresha komite yamatora bitegure iyo komite itangure ubu itegure amatora Yo 2020.kuko ntihakomeye canke ntihahambaye abanyapolitike hakomeye abanyagihugu bo bene uburundi. Isango barayizi ni 2020.ibirenga aho biba bivuye kumurwanizi.

  • Ahubw Mwaratevy Ark Shaka Mubijemwo Kugira Mube Muraduhenda Mwiryamira Mumahotel Konziko Uwo Mugabo Atazokwemera.

  • Nihubahwe S.E NKURUNZIZA Perre alias "l’Homme fort wewe adatamikwa ijambo nimbunuza zabanyamahanga bashaka kudutwara ducuritse!rero umurundi wese akunda igihugu camwibarutse,tuvire hasi rimwe twiyamirize MAPROBU nabayishigikiye bari kurushi ntibazotunanira, nabo bazungu nka tomas perielo baguma biruka muburundi bayerera umenga iwabo ntibarya!erega agakeke kacu kararyoshe!*OBAMA igihe ahaherukira muri Tanzanie, hotel yashikiyemwo bamuhaye umukeke ukaranze wonyene nibitunguru vyera,burya akirya yibagira ko waheze kwisahani ,atangura kurigatanga isahani nururimi!nikokubaza umu cerveur ati:mbega iyifi wayikuyehe?nawe ati:ziva i Bujumbura i Burundi.Obama ati:sindavyumva.nuko afashe indege atashe burya afatwa nagatiro atangura kurazirana ngo :mukeke,mukeke protocol yiwe baratwenze nubu ntibaraheza gutwenga!!!none rero baguma biruka bayerera ngaha kubera agakeke!!

  • Yemw jew ndabona imana atariyo itabay abarundi biracagorany!

  • Ahubwo Nibagire Vuba Niba Bishoka Turebe Ikizovamwo Kumbure Harigihe Vyoba,ingirakamaro Ntawomenya,arko Bive Munzira Twebwe Abarundi, Turira Amahoro Gusa Bishoboka Bene Wacu Bari Hanze Bahunguke Twongere Tubane Mumahoro!

  • Ndazinezako,atanakimwekimubiganiro,nta,petero,yoyemanga,ibirikobiraba,nimureme,opozenayonuko,muwumpinga,naboneke,???!?Mpakamukoranyemumatwi,mesemuramashitagusa,ariko,ndazikwarime,,,mpaki,mana,yiyerekane,vyoyavugisje,abantu,jendaho,kandi,ndemera,,,100P0.,UKO

  • Mugihe muciyemeza gutuka uw’Imana yatoranije, mugatuka abategetsi bitorewe n’abane gihugu nta mahoro mufise mur’inshirasoni gusa. Rindira gushika 2020 mureke guta ubwoko! Yemwe gaye!

  • Komera nyakubahwa Bejamin William, nturakurindiranye igishika cishi twese abarundi twifuza amahoro mugihugu cacu,kungingo zose uzofata zozanira amahoro abarundi Imana mushoboravyose izokurongore.

  • ICOTWIFUZA NAMAHORO NTAVYO AZOSHOBORA NABADI BARANANIWE NAWE AZONANIRGA NAGERAGEYE

  • ICOTWIFUZA NAMAHORO NTAVYO AZOSHOBORA NABADI BARANANIWE NAWE AZONANIRGA NAGERAGEYE

  • ICOTWIFUZA NAMAHORO NTAVYO AZOSHOBORA NABADI BARANANIWE NAWE AZONANIRGA NAGERAGEZE?

  • Dusenge bizanire amahoro abarundi bararushe

  • Ni Vyiza Nibarabe Vrma Imiryango Yahez Ihekurwa Bigbanuke!

  • IMANA YO MW,IJURU NKUMBURE IZODUFASHA BAGANIRE NEZA. IZOBAJIMBERE.

  • Ahovyabereye Vyovamukayira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.