Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bernard BUSOKOZA yakuwe mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bernard BUSOKOZA yakuwe mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru (...)

Bernard BUSOKOZA yakuwe mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

samedi 1er Ruhuhuma 2014

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Bernard Busokoza yabogojwe mu mabanga yiwe azira ko adashoboye gutandukanya amabanga yiwe y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu n’ay’umukuru w’umugambwe asanzwe avamwo ariwo UPRONA.

Kuva mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya mbere Ruhuhuma, hiriwe zuguruzuguru muri poritike y’Uburundi hagati y’abadasigana n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, kuva aho Edouard Nduwimana ageneye Niyoyankana Bonaventure kugira abe ariwe arongora umugambwe UPRONA. Iyo zuguruzuguru rero ikaba itumye Bernard Busokoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu abogozwa mu mabanga yiwe n’itegeko ry’umukuru nomero 100/25 ryo ku wa 1 Ruhuhuma 2014.
Muri iryo kete, Busokoza akaba yagirijwe ko kuva agenywe mu mabanga yiwe kuwa 16 Gitugutu mu mwaka w’2013, atigeze ashobora gutandukanya amabanga yiwe ajejwe muri Reta, n’amabanga ajekwe umugambwe avamwo UPRONA. Ikindi kandi yagirijwe, akaba yoba atigeze ahengeshanya gusaba ko itegeko rishasha rigenga ibwirizwa nshingiro ryokurwa mu nama nshingamateka, rigasubizwa muri Reta kugira ryigwe bushasha.

Ariko rero kuva mu gatondo k’ejo ku munsi wa gatandatu bimenyekanye ko icegera ca mbere yasohoye itegeko ryo gufuta ingingo ya Edouard Nduwimana yo kugena Niyoyankana kurongora UPRONA, abatari bake babonye ko iyo ngingo iza kumuhitana, narirya Karori Nditije n’abashingamateka bandi bo muri UPRONA baheruka kwerekana aho bahagaze ku ngingo zimwe zimwe nk’iyerekeye ikiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu, itegeko rya CNTB umurwi ujejwe amatongo n’ayandi matungo, eka n’ukwiyunga kw’Abadasigana kwoba kwarababaje cane bamwe mu bategetsi bari mu mugambwe CNDD FDD.

Abakurikirana ibintu n’ibindi muri poritike y’Uburundi, bakabona ko ingingo yo guhagarika Bernard Busokoza mu mabanga yiwe, ije gushira mu ngiro ingingo ya Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yo kugena Niyoyankana Bonaventure kurongora umugambwe wa Rwagasore, mu gihe bivugwa ko Niyoyankana Bonaventure yoba acuditse na CNDD FDD, ndetse bikavugwa ko ashobora kuzoshira mu ngiro amwe mu mategeko yagiye arankwa na Karori Nditije afashijwe n’abashingamateka bava muri UPRONA.

Tukabamenyesha ko mu minsi iri imbere, n’abashingamateka bakomoka muri UPRONA badashigikiye Niyoyankana bashobora kuzoshikirwa, bakirukanwa mu mugambwe no mu nama nshingamateka, bivanye n’uko umushingamateka akuwe mu mugambwe aca atakaza ikibanza ciwe mu nama nshingamateka.
Abazi Niyoyankana Bonaventure afashijwe na Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru wa UPRONA, basanzwe barakoranye nabo bashingantahe mu mugambwe, bakavuga ko batihanganira na gato abatabashigikiye mu ngingo zabo bafata. Ikiriko kiravugwa cane rero mu mugambwe UPRONA, akaba ari isubirizwa rya Busokoza, aho uwuhabwa amahigwe menshi ari Jean Claude Nduwayo, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uprona mwihanganeeeee...Bacemo

  • IMANA ISHIMWE KO UROKOTSE KUKO IMANA BUCA IRANDURA ABATAYUMVIRA NA?WE BUSOKOZA URAROKOTSE.PORE SANA

  • BIRAGARAGAYE KO BIBA BIBI CANKE VYIZA UWUBIKORA NUMWE MUBURUNDI.

  • Ntavyoyari gushobora kubera nokura hira vyari vyamunaniye

  • Bashaka uwo bagenderako ha harikera ubu ntibigikunda jewe nama ndababwira ko igihugu cacu gitwaga nabacangero none ubu ntivyiyerekanye jewe nibaza ko umuntu wese akunda igihugu cacu yova hasi akikurako izo mburakimazi z igomba ko igihugu cacu kigwa mumanga.

  • Ntivyoroshe Nagabo!!!! None ko batwaye kera kandi bize ,amategeko arabagora kwumva?? Nibawunywe!!!

  • Ntivyoroshe Nagabo!!!! None ko batwaye kera kandi bize ,amategeko arabagora kwumva?? Nibawunywe!!!

  • hahahaaa it s very cryz kabisa, UBURUNDI!!!!!!!!

  • Barundi bene wacu, komeza gusenga kugira igihugu cacu ntigihave kigwa mukaga nko 1993. ne perdez pas courage svp!!

  • BIRAKWIYE KO NIYOYANKANA ABA UMUSHINGANTAHE AGAHINDUKA MBE BONYIKIRAHE? ABA DD HAMWE BOKURIKIRA ABANDI NAKARE IKIRINGO NIGITO BASIGAJE NARYE UMUTIMA MENYO ATANGAZE ABARUNDI.HINDURA NTAWUZI IKIRINYUMA EREGA AMAKUNGU ARABONA UKURI.

  • Ico bikoze, ubu abarundi tugiye twamenya uramutswa u Burundi. Usangwa ivyo Edouard Nduwimana yavuze yisunz’amategeko, simbona ukuntu Bernard Busokoza yari kumuvuguruza. Nkabona ko izo zuguruzuguru zifatiye hanini ku bantu bacibaza gukingira ikibaba abicanyi n’abambuzi. Vyangeye "Nta nkuba zibiri zisangira igicu". UPRONA yari ikwiye kugenza buhoro mu kuba iragerageza gukemura amatati n’akajagari yagiye itera mu Burundi. Na kare ikibanza irimwo, yagitwaye FNL igihe yikura mu matora y’2010. Ku vyerekeye Busokoza Bernard, ikurwa ryiwe mu mabanga y’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu rije kumuhumuriza kuko ibimwagira ari vyinshi. Kuba muri kirya kibanza, vyarababaza abarundi tukanabona ko igandagurwa rya S.E. Melchior Ndadaye ritazonakurikiranwa. Naho vyinshi bitoba, nibaza ko ataguha ubutegetsi umuntu azwi nabi kandi yakoz’ubwicanyi.

  • Komera kw’ibanga rya Rwagasore , mwanke akagaye ,akarengano muzire corruption mushire imbere ineza y’igihugu nabanyagihugu! natwe turinyuma yuwo wese azorikwirikiza!!!

  • Hahahahaha birabaye ndase nuwari yagiye ho nkuwushizweho nubushobozi bwa peter???ndi buka ngo::Ndarahiye Imbere y’umukuru we nyene mukuru wigihugu,,none uwomuntu Busokoza akuwe gute???ariko biteye agatwengo pe

  • Busokoza hahahaha naje kwisokoza yafuye abarundi benshi imishatsi ubu is nka kera gusa twirinde muri vyose amacakubiri kuko abarundi twarayarenze ntitube nkabamwe bo hakurya ya Kanyaru?mbe ninde yishe Ndadaye ?

  • Edouard mukubikora aba yatumwe na NKuru.niwe amutuma gusambura imigambwe kandi nico BUSOKOZA azize. Honnorable BUSOKOZA twebwe abarundi turagukeje. Urakamana ubushingantahe waraye werekanye. Politike nibayirekere abantu nkawe badashonje. Apana ba Edouard na NIYOYANKANA batwarwa n’inda n’amaronko.IMANA ize ibahe ikibanza kibabereye.

  • Edouard mukubikora aba yatumwe na NKuru.niwe amutuma gusambura imigambwe kandi nico BUSOKOZA azize. Honnorable BUSOKOZA twebwe abarundi turagukeje. Urakamana ubushingantahe waraye werekanye. Politike nibayirekere abantu nkawe badashonje. Apana ba Edouard na NIYOYANKANA batwarwa n’inda n’amaronko.IMANA ize ibahe ikibanza kibabereye.

  • Mega wowe wandikango busokoza niwe akwiye gutwara kuko adashonje erega ntahinzara yozanana yariye benshi ntitubimbura bugirire ahubwo dusengere utility cacu ntikirwe mumanga

  • Baca umugani mukirundi bati“AHARI UMWENGE HACA UMUYAGA†Nditije akunda kunyinyurana atitaye kunguvu yoba afise,ntamenya aho zigera numva ngo Na Micombero yaramuhangaye amuha ukuboko ngo banyinyane,uprona ikeneye kwisana ubwa mbere ntikeneye kwerekana inguvu atazo ifise,NDITIJE umwishinze urahagwa kuko ntazi gupima ibiro,Niwigendere colonnel WO MU MIRONGO ICENDA NA GATATU,Ntiwari bwamenye ko zahinduye imirisho,kiekiekiekiekie.

  • Inkoko irara mw’ishamba ikaba inkware kandi ntiyigera isubira kuba inkoko.Abiyumviriye ko bashobora gukorana na ba dd bakagira aho bashitse barabonye ko bidashoboka.Gusa Busokoza niyigendere agiye nk’umushingantahe nubwo ahamaze umwanya muto aruse ba Martin Nduwimana na ba Sinunguruza.Bravo Busokoza.Nayo Niyoyankana we yariye amagi ya rwungere kandi ntaminsi asigaje ata muhitanye kuko ariko arya indya ivuga.Wait and see.

  • Mbe basha ko President yakwigira umusenzi none yibagiye gusengeraigihugu ciwe!Yarimitwe!!!

  • UPRONA WAMYE URI UMUGAMBW W’ITEKA N’AMATEGEKO. NIYOYANKANA NAPFUME AJA GUTWARA IMBONRAKUR IGITEGA, OU MURI ETS

  • Arikobasha mutamawanje Busokoza vyabujemwogute guta ikibanza cicegera cambere cumukuruwigihugu agashima kujamuvya UPRONA!!!

  • Muburundi,turakwiye kurwiza amashure ya politique! Kuko politique yuburundi umenga ifise intumbero idashingiye kunyungu zabanyagihugu bose! Imana yibuke Uburundi bwacu!

  • Muracabaza uwishe Ndadaye?inyishuni:BUSOKOZA.ahubwo aceyakwa iminite ashikirizwe ubutungane.

  • busokoza werekanye kutagira inzara, reka irya misore ya niyoyankana yavumwe ibandanye yironderera utwo itamira, nayo weho, nico uzira ngo warase kugurana amafaranga reta kugira ihembe abakozi muri uku kwa mbere ico nico waziz cane. komera mutama usize amateka meza

  • haaaaaha riraabaye ibara UPRONA rero yariziko ishoboye IKIBIRI ngwigiye kunigana NABA DD nibindi biri nyuma ;

  • ebana busokoza w ntuvug gusa bareke bakure bazobona

  • Abatutsi bo mu burundi murabura iki ko mudasaba umusada(help) mu rwanda? CN DD izabafuta mutarebye neza. mwibazako CNDD isumbya ubuhinga FPR mubyo gukorana n’umwansi. nimba mutabishoboye nimuve muri Leta hanyuma amakungu aboneko intwaro ya Piter irimwo SUMU(uburozi)

  • Umupfumu umwe wo muri commune BURAZA aherutse kurya umutima amenyo yandikira umugambwe DD ko igihugu kigire gisubizwe abakurikije iragi ry’umuganwa RWAGASORE(UPRONA), none bagize ubwoba niyo mpamvu bariko baracanishamwo umugambwe wiwe ariko ntibazabishobora. Ikimenyamenya amakungu aratanguye kurebera hafi ibiriko birakorwa na dd. UMU DIPLOMATE UMWE AVA MU GIHUGU GIKOMEYE YAMAZE KOHEREZWA GUKURIKIRANA IKI KIBAZO KANDI AZOBA AFISE ICICARO KAMPALA CANKE KIGALI. ejo nzaba namenye neza aho azaba ari na delegation azanye uko ingana(effectif)

  • Nta ndya y’Umugayo!Umwana atari bukure yopfa kare!bravo Busokoza!

  • Tweho iwacu ni mw’Ijuru. Ni ho twiteze Umukiza ko azova. Erega mw’isi si iwacu "Bakundwa" naho tuharara tukahirirwa! Aka gahengwe tubona, nuko Ishengero tukiri mw’isi. Rindira gato tugende!Ivyahuha bizohuhuka.

  • BUSOKOZA eka ntanzara wajanye muri leta!! komera bizoinduka!
    nakare umugani wa rufyiri wanka gusesera amaraso igihugu imbwa zikayanwa kuri gusa.

  • Mwese muryanira igihugu kitari icanyu Imana yakibashizemwo gusa ngo mumukorere ibimuhesha icubahiro. Mungejuwa mungenyenyekea cini ya MUKONO wa BWANA na kumuomba ni nani anastahili kukiongoza. Gutukana no kwagirizanya ntaco bimaze kandi ntaco bihindura ku ntumbero y’Imana. Imana niyo itanga ubutegetsi mu gihugu cayo no kubantu bayo. Mbega mwibaza ko Imana Itazi igihugu c’Uburundi. Wari ukwiye gusenga Imana Ikakumenya, nawe ukayimenya.

  • Ubukunzi bw’inda bwa bamwe bamwe nibwo buriko buratuma ibi vyose bishika. NIYOYANKANA na se amuvyara yasize amuvumye none mwibaza yuko ikindi yomara ari igiki? Ariko badasigana komera kumuheto ntawukina n’umwana w’ingwe ngo irasinziriye mugakubita urugohe CNDD irabamirana n’uruvyaro rwanyu.Ntimuvyemere Peter naruhuke ntiyiyongere mandat yagatatu nayo SARAPIYO nawe afise umugambi wokwangaza abatutsi mukubanyaga amatongo ivyo nivyo bintu nyamukuru biriko biratuma umugambwe UPRONA uriko uratotezwa na CNDD FDD.

  • Mutama busokoza komera nakare wakorera imbwa imihimbiri abambuzi abasuma none igihugu cu burundi cabuze abashingantahe
    oya Nibara Basirikare bapolisi tu rabasavye iyo migambwe irimwo imbwa
    muyi hagari ke nimwe tuzeyeko amahoro raba mugire akantu abanyagihugu bakeneye amahoro
    nimufate ubutegisti muminwe mwi yamirize izombwa zabanyamigambwe ?

  • komera busokoza wamanye iteka.kandi waritewe na bavyeyi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.