Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bernard Busokoza yasabwe kubangira ibikorwa vyiwe vy’icegera ca mbere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bernard Busokoza yasabwe kubangira ibikorwa vyiwe vy’icegera ca mbere (...)

Bernard Busokoza yasabwe kubangira ibikorwa vyiwe vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

jeudi 24 Gitugutu 2013

Bernard Busokoza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi agiye gusubirammwo indahiro yiwe, nk’uko bimenyeshwa na Karori Ndagijimana, umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, inyuma y’aho mu ndahiro y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu basangiye itubahirije ibwirizwa nshingiro.

Bernard Busokoza icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu ariko ararahira

Inyuma yaho uwo mutegetsi yitiranirije umukuru w’igihugu n’abanyagihugu bo bene igihugu mu ndahiro yiwe imbere y’umukuru w’igihugu, abashingamateka, abakenguzamateka, abagize Leta, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’abandi banyacubahiro, n’ubu abo batumire bose bagiye gusubira gutumirwa kugira mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, bakurikirane ibindi birori vy’ukurahira kw’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Nyakubahwa Bernard Busokoza.

Muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro rero, bakaba bavuga ko aho icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yaja gutera umukono, hari igisomwa canditswe neza, akanenge nako karaheza kabonekera mu gisomwa uyo munyacubahiro yari yateguriwe kugira asome. Muri sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro rero, bakemeza ko kabasovye, nabo bagiye kubibona Busokoza yaheje gutera igikumu mu gitabo, ko amabanga yiwe atanguye icese.

Bernard Busokoza icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu ariko ashira igikumu mu gitabo, imbere y'abagize sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro

Muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro rero bakaba basaba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ko yoba arabangiriye kubandanya arangura amabanga yiwe y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu gihe atarasubiramwo indahiro yiwe izoba yubahiriza vyukuri ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi. Umunsi ivyo birori bizosubira kubera ko, Karori Ndagijimana akaba atabimenyesheje.

Ugusubiramwo indahiro kw’abanyacubahiro, bikaba atari irya mbere bibaye, kuko Barack Obama, umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika nawe, yigeze gusubizwamwo kurahira, mu gihe mu gisomwa ciwe harimwo utunenge, maze uyo nawe aca abibona yahejeje kera.

Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Bernard Busokoza ariko yakirwa na bagenzi we bari muri Leta, ari kumwe n'umukuru w'igihugu

Aristide Nizigire

Messages

  • vyari vyiza gukwirikiza ibwirizwa shingiro ariko murumva yuko ari isesagura ryitunga ryigihugu kuko ivyo birori ntibizokorwa kubuntu kandi abanyagihugu bari mubukene butagira uko vungana

  • Iryo kosa ryo muraribonye ariko reke turindire turabe ko mutazemerera Peter kwitoza ubugira gatatu!!!

  • Mbega hari uwitarazi ko igihugu arica Nkurunziza nabiwe ahubwo bamuhoye ubusa

  • yarakwiyeguhagarijwa burundukuko ubwicanyibwabusokoza burenzeko.ntazohaveyicanankurunzizawacu.gusauwowenuwobita"MUKORUMBONE!"

  • None ivyo yasoma vyateguwe na nde? Barazi ivyo bumvikanye nivyo banditse.Tuzoraba uko azokora niho tuzomenyako yarahiye ivy ukuri canke atari vyo!

  • Abakera barayamaze ngo /indahiro mbi ntigwaza munda!turindire ico yamukamwo.impanuro notanga naho bitoroshe aragendera iragi uwiguze igihugu yadusigaranye ntatinye kuganura uwu basangiye amabanga kk inyuma yiyo ntwaro abarundi tuzoguma twibuka ico yakoze.nyakwubahwa uronse amateka yo kwicara kuri iyo ntebe,ntiwibagire amarira usize kumugumya,uribuka abo mwicaranye

  • Na jewe nda mukeje mumabanga arimwo ararwanira Amahoro nu Mutekano wabose yongere atorere inyishu ingorane ziri mumi gambwe murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.