Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bernard Ntungwanayo:" Ikibazo c’uburundi si ikiringo ca gatatu, ni (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bernard Ntungwanayo:" Ikibazo c’uburundi si ikiringo ca gatatu, ni (...)

Bernard Ntungwanayo:" Ikibazo c’uburundi si ikiringo ca gatatu, ni iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha"

jeudi 13 Myandagaro 2015

Icegera c’umukuru w’umugambwe FNL-Iragi Rya Gahutu Remi, Bernard Ntungwanayo yamenyesheje ko ingorane abarundi bafise zitirirwa ikiringo ca Gatatu c’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza,ahubwo ko ingorane nyamukuru ari ivyaha uwo mukuru w’Igihugu yakoze imbere yo gufata ubutetsi bigatuma acirwa urwo gupfa gutyo rero agatinya kuva ku butegetsi kuko yobibazwa.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Bernard Ntungwanayo, yavuze ko umugambwe FNL Iragi rya Gahutu Remy rishigikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza n’umugambwe wiwe CNDD FDD,ariko we yitandukanije n’umugambwe avuga ko ukorana n’umurwi w ‘abicanyi.

Ivyo bibaye inyuma y’indwi imwe gusa yandikiye umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU Ban Ki moon,ikete ryashitse i New York ku cicaro gikuru ca ONU kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro, amusaba gutabara mu Burundi amazi atararenga inkombe.

Ku bijanye n’abavuga ko ingorane ziri mu Burundi ziterwa n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,Bernard Ntungwanayo avuga ko atari vyo kuko ico kiringo ca gatatu yagishitseko kuko amasezerano ya Arusha atubahirijwe.

Bernard Ntungwanayo avuga ko uko ibiganiro biriko biraba mu Burundi,atari ibiganiro kuko babeshanya,ariko avuga ko ibiganiro bishoboka, ariko amakungu afashije igihugu adahengamiye ku ruhande rumwe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • eka uri ntungwanayo nyene!ntuzi nivyuvuga!mbe nkurunziza yakoze ivyaha ibihe?mumuhora ubuhutu bwiwe ntakindi!!yamara turi maso tuzobamesa sha!komeza muducokoze!!!buyoy ko yidengemvya nabantu bake yishe?bikomagu we yakozi iki?kimwe gusa mumuhora ubwoko!ikosa nkurunziza yakoze nukutubahiriza ibwirizwa nshingiro uko riri,agashira mukazi 60% na 40%,yihereye faveur abatutsi none nibo bagira bamwivugane!!!!tuzobasya sha!!!!

  • Babwire mutama,mwa mbonerakunya mwiyita"FIDELITE,BONGO"jewe mwampinduye ubwoko bwanje ngo ndumututsi kuko ntemera ivyo binywamaraso vyaba DD,kandi nubwo noba umututsi ntacaha,none se nuwo mutama n’umututsi?uwudashigikiye iyo nkozi yikibi NKURUMBI aca aba umututsi?umviriza"KIDUMU YARAMENJE"gusa ntamoko mwoshobora kubiba mubantu,ubu twarize,yaba umututsi,yaba umutwa,yaba umubembe,yaba umutwa afise ivyiyumviro nkivyo vyanyu ntantambwe azoduterana.

  • ndabashimira kumakuru mutugezaho ariko kumakuru ntabwo arivyiza gukurako cankwe kwongerako ntungwanayo ivyo yavuze ubisomye mu gihe.com mukinyarwanda biratandukanye cane gose niyinkuru muduhaye mukirundi . murakoze.

  • Kubwanje kava uburundi bwikukira"abagandaguye inganda,tutibagiye1972 baraho Kandi nibaze Ko uwuzi koyaciye mwishamba canke akab umuvugize ntanumw urimwere.Ewe burundi niciro Ry umugani pe!

  • mbega mutabazamakungu yiki inkoho haruwutayizi rindira gusa havuge ifirinbi twikurekwintwaro yigikenye

  • wewe wosanga ukuri ukuvuze niko menga ivyiyumviro dutanga ntaco bimaze umengo bamwe nugutukana nogucafuzanya ntibatange umuti wubaka umuti uzoheza ibibazo muburundi nuko sever yokora mugabo igashirahabona ivyabaye nababikoze kuko tudahendanye abarundi twese turabazi hama rero hagaca haba iki ntu nokwita indahiro ntazorengwa yokutazosubira kugarukana ivyamoko noguhigana nguyu yakoze ibi kuko abatwaye bose bakoze ivyaha iyo mushatse ngo mubibahanire mutuma baca bigumiza kubutegetsi kugira bikingire ibi nivyo vyozana amahoro arama muburundi nubwo menga twe tubivuga ntitwumvirwa ndabacire umugani nta nzoka yikomora nukuri ibibaye vyogenda bihera tukateba tukinjira muburundi butagira amaraso nifuje ko iki kiyumviro coshikira abo vyega abahutu na batutsi na batwa duce tubana mumahoro nambere nsabe reta irekure abo kwa gwasa bose bidegemvye izoba arintambwe yambere twifuza kwogorora murakoze n

  • Uyu mugabo muramurabe neza arafise akagwara ko mumutwe we muri FNL niho batakoze ivyaha vyo guhanishwa urupfu aribagira na Buyoya, Bikomagu na na Bagaza kwatazo baracirigwa zogupfa ariko ararucira abandi? Nihobavuze ko ushaka umuhutu umutume uwundi muhutu urasabiriza neza we we uzorinda upfa utaronse nubu ambassador mumfatakibanza uriko urarondera abahutu mwapfuyo ugo muzopfa muribihute kweri.

  • Emwe urabitoyepe!ingoranesikiringocatatugusa.arikokovyabay nitwemeredutekerezeturekegushirakurwana imbere ariko dushirimbere mugufatanamunda nokurengera kurivyovyosvyabaye mazedutegure kazoza.

  • Emwe urabitoyepe!ingoranesikiringocatatugusa.arikokovyabay nitwemeredutekerezeturekegushirakurwana imbere ariko dushirimbere mugufatanamunda nokurengera kurivyovyosvyabaye mazedutegure kazoza.

  • Wabitoyecane sikiringocagatatugusa arikokobiruko ishavuturitsinde ntiturwane arikonitujehamwe abatayigihugubagarukebose mazedutegurekazoza ntidusamare

  • a humbwo bernard burya ariyunvira abarundi ngo akarimi kavug ;inagore karagororoka yibagiye ko fNl bayagiriza ubwitsinyi bwagahomeramunwa we burya ntari mubatsiriwe izomaza kwari uhutu uyumusi nj nkuruziza ejo ni wewe

  • Burundi, mwihane mwese kuko Yesu araje vuba asange mwiteguye

  • Burundi, mwihane mwese kuko Yesu araje vuba asange mwiteguye

  • Ingorane abo Benewacu Bagize Ukutamenya Ugutandukanya Igihugu Numugambw Ugukunda Umugambw Gusumba Uko Dukunda Igihugu Cacu Nabanyagihugu Inda Ndende Numwina Wivyisi Igiturire Ubunyonyezi No Gutinya Kurenguka Imbere Yubutungane Kandi Badashoboy Gutunganya Imigambi Iteza Imbere Igihugu!

  • HAAAAA IYVU BURUNDI YVARABUZE IHERORYI MITI ICONSABA ARUNDI NUKOTWOSENGA IMANA IZOBIKEMURA

  • HAAAAA! IYVU BURUNDI YVARABUZE IHERORYI MITI ICONSABA ARUNDI NUKOTWOSENGA IMANA IZOBIKEMURA

  • Abantu benshi bagiye bavuga ngo FNL nayo yarakoze amakosa
    Nico gituma amategeko yokurikizwa
    Hagahanwa abayakoze bose

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.