Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Big Fizzo na Lolilo bisanze bompi bahamagawe mu giteramo Iwabo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Big Fizzo na Lolilo bisanze bompi bahamagawe mu giteramo Iwabo (...)

Big Fizzo na Lolilo bisanze bompi bahamagawe mu giteramo Iwabo w’abasigaye

vendredi 15 Ntwarante 2013

Hari haheze imisi havuzwe ko Big Fizzo na Lolilo bafitaniye ukutumvikana kubera indirimbo. Ubu ho, bompi baherutse gutumirwa mu giteramo co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ntwarante "Iwabo w’abasigaye", kandi baramaze kwemera ko bazokibonekamwo.

Abantu babonye ibikaratasi biriko amasanamu ariko Fizzo na Lolilo bafitaniye igiteramo baratangara cane bati:’’ abantu bafitaniye ingorane bigenze gute bakorane igiteramo?’’ gurtyo bakibaza nimba bongeye kwumvikana.

Ivyo kuba barasubije hamwe ntaco tubiziko, gusa ico tuzi ni uko bompi bemeza ko atakibazo gikomeye bafitaniye cotuma batokorera hamwe igiteramo. Ahubwo bivugira ko bo ikibaraje ishinga ari amahera bazogikuramwo, nayo ivyo, ngo naho vyoba bihari ntivyobabuza gukorera hamwe. Vyongeye, ngo umwe wese azoririmba indirimbo ziwe, ikizobahuza ni uko bompi bazoba bariko bararirimbira abakunzi b’umuziki w’u Burundi

Lolilo we avuga ko bimunezereje kuba agiye gukorana igiteramo na Big Fizzo, kuko ngo hari haheze imyaka igera kuri itanu badakorana igiteramo. Aha rero kikazoshobora kuba igiteramo ciza, kandi umwe wese aziyerekana hamwe n’ibintu bishasha afise muri iyi minsi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.