Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bigirimana ati: ’’Rwasa aticishije bugufi ntaco azoturonkana muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bigirimana ati: ’’Rwasa aticishije bugufi ntaco azoturonkana muri (...)

Bigirimana ati: ’’Rwasa aticishije bugufi ntaco azoturonkana muri FNL"

mercredi 7 Myandagaro 2013

Kuva aho Rwasa Agato agarukiye ku rubuga rwa politike ku mugaragaro, abatari bake batanguye kugira ico bashikirije, haba abari mu migambwe itandukanye, abari mu mashirahamwe mpuzamakungu, n’abandi batandukanye bari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike akorera mu gihugu c’Uburundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Jake Bigirimana asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa FNL irongowe na Miburo, amenyesha ko umuzo wa Rwasa yawakiriye neza, na cane cane ko ari umunamarimwe yarasubiye kuja ahabona mu gihe yari amaze imyaka itatu atawuzi aho yahungiye. Jake Bigirimana ariko akaba anegura yivuye inyuma ukwo Rwasa yagarutse yigira umukuru w’umugambwe, na rirya ubu hari uwuzwi n’amategeko ariwe Miburo Manweli.

Ndetse aca aremeza ko ari nabo basavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’igipolisi kuburagiza ibikorwa vya Rwasa ku munsi w’ejo. Ivyo bakaba babikoze bisunze ko Rwasa yaje yiyita umukuru w’umugambwe kandi hari inzego zatowe mu gihe bamwagiriza ko yataye umugambwe agahunga.

Jake Bigirimana rero ntahakana ko Rwasa bashobora gusubira kuja hamwe, ariko ivyo bikaba vyokunda mu gihe yova inyuma y’Ikibiri. ADC ikibiri cagirizwa na Bigirimana kuba badashobotse mu bikorwa vyose bakora. Avuga ko amategeko Rwasa ayazi, na cane cane amategeko atuma imigambwe yiyunga. Ayo mategeko ngo ntiyumvikanyweko yo gushira umugambwe wabo mu Kibiri ari naco gituma Rwasa atemeye kubava inyuma, nabo atanakimwe azosubira kubaza umugambwe. Ubu ngo bagiye ndetse kumufatira ibihano, hamwe yobandanya kwiyita umukuru w’umugambwe.

Abanamarimwe bari kwa Rwasa

Ku bijanye n’ukwo vyagaragaye ko FNL irongowe na Rwasa ariyo ifise abantu benshi kuruta iyo kwa Miburo, Jake Bigirimana avuga ko abaje kwa Rwasa bose bari abanyengagara ndetse bamwe muri bo ngo n’abateye akajagari kwa Nyakabeto, co kimwe n’abo mu Nyakabiga na Musaga. Jake Bigirimana akaba yakebuye Rwasa ko atokwishinga abo banyagihugu bo muri izo komine na rirya no mu matora aheruka yo mu 2010, batigeze ba batora. Akaba yarangije arahira kandi yemeza ko bari mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe na Leta, ariko itari mu runani ADC Ikibiri. Abavuga n’abo ko bakorera inyungu z’umugambwe CNDD-FDD, ngo bafise izindi nyungu zinyegeje inyuma yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.