IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bimwe mu vyashitsweko n’abashikiranganji b’imigenderanire mu nama i Dar es (...)

Bimwe mu vyashitsweko n’abashikiranganji b’imigenderanire mu nama i Dar es Salaam

dimanche 31 Rusama 2015

Abashikiranganji b’imigenderanire y’Urwanda, Kenya, Tanzaniya na Uganda, ntibashoboye guhuriza ku kintu kimwe bazoshikiriza abakuru b’ibihugu vyabo, ku cotuma Uburundi busohoka mu ngorane burimwo.

Bernard Membe umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe imigenderanire

Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa rfi, ibintu bibiri, ni vyo vyoba vyumvikanyweko n’abashikiranganji, imbere y’uko inama y’abakuru b’ibihugu itangura kuri uyu w’Imana, igengekerezo rya 31 Rusama, uwu mwaka.

Ica mbere co tuma Uburundi buva mu ngorane burimwo nk’uko bivugwa na rfi, ni uko, amatora yokwegezwa inyuma, hakaba intwaro mfatakibanza, iyo nayo, Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu ntiyemererwe kuyijamwo, ubwa kabiri, abo bashikiranganji babona ko hoba iyigizwa inyuma y’amezi menshi amatora, hakaba n’amategeko adasanzwe y’ukwubahiriza ubwigenge bw’ibimenyeshamakuru n’ukworohereza imigambwe itandukanye mu matora.

Ikaba ari inkuru tuguma tubatohoreza..


IGIHE

Messages

  • ubutegetsi mfatakibanza nibwo nyine bashaka kwamburiramo abafise ubutegetsi ubu bugasubira mu minwe yaho bwahora! mubwiyamirize mushimitse!

  • emma

    turumvise ko aba shikiranganji batabihuriyeko emwe ndatangaye ngohabe itwaro nfatakibanza oya turavyase nabo bashikiranganji bakeneye kwamaraso aseseka muburundi bwacu turabiyamirije kandi turavyase kohaba nfata kibanza kandi abarundi ndushakamator

  • Aha Ndabona Bikomeye Nukuri!Nivyo Nabise Abandi Bategur Amatora Asesuye!None Kovyamunaniy!Cndd_fdd Uratemba Ntakabuza

  • Aha Ndabona Bikomeye Nukuri!Nivyo Nabise Abandi Bategur Amatora Asesuye!None Kovyamunaniy!Cndd_fdd Uratemba Ntakabuza

  • Mfatakibanza!! Ngirango nimubihugu vyabo atar uburundi!

  • NGO INTWARO MFATAKIBANZA KWELI?NIBATESHWE BATE AMATORA NI LE 5.6.2015,

  • nibamubuze twironkere amahoro ninfanyo zize nayahandiho kuduza ibiciro siyo nyungu ahubwo nukwicabanyagihugu.niyemere politique yamunaniye

  • karundi na emma. mwarimuziko cndd fdd yaborejwe nubutegetsi kugeza naho mwikubita coup d’etat?raba amasok mwaraturiye,nibind bibi vyish nn mwibazako uburundi arubwa cndd fdd gusa?iyumuntu arushe araruhuka genda muruhuke namba sentare ziwacu nampuzamakungu zizobibakundira mwena shobuja kumabi ntangere mwakoze

  • Bigenzegurtyohoho vyobabibananiye gufasha, wewe wovunga ngugomba gutorera umuti ingorane zirikurugero rwa 00.0009999% noneho ukongeza ingorane kuburyo bwa 99.0008888%? Ahohoho kwobarukwenyegeza umuriro umijirako na esase!.

  • (NTIBISHOBOKA UYO MUGABO WI GIPARA NKUBUGARI BWUBURO NAKURE AKARENGE TWIRONKERE AMAHORO TUVE MUBUHUNGIRO VYANKA BIKUNDA CANKE TUBWIYICIRE YEMWE NANYARUTSE.)

  • (NTIBISHOBOKA UYO MUGABO WI GIPARA NKUBUGARI BWUBURO NAKURE AKARENGE TWIRONKERE AMAHORO TUVE MUBUHUNGIRO VYANKA BIKUNDA CANKE TUBWIYICIRE YEMWE NANYARUTSE.)

  • Amatora arakorwa ntakabuza, Ari Nkurunziza atsinda, ari Yakobo atsida, ari wawundi yatanzwe na UPRONA ya Consillie atsinda, ari Agathon atsinda, canke abobose barimwobaritegurira kuzoba murayamatora umwemurabo azotsinda kandi twiteguye kuzomushigikira maze tubandanye guhangana nabagashakabuhake. Nayo ngwimfatakibanza!!! Mbegabantu badashaka kuburundi buterintambwe we!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • nukuri petero arasara nagende aveko kuko twebwabarundi twarushe ubuhoho bagire batangure kwica abasenyeri kuko bavuye mugucungera amatora mana birababaje

  • Turasavye Abwatwara Uburundi Bibuke Ivyabaye Muri Kahise

  • Hakodusubira Muntambara Ayomatora Yokwegezwinyuma Abanyeporitike Bakabanza Bakaruhurira Imitweyabo Kuko Irarushe

  • Hahaaaaaaa,nkurunziza arahava avyemera,kigihugu yacigaruriye,eheeeee reka tubitegamaso.

  • ahubwo imana irakunda uburundi nabantu,umuntu yiyumvira kwica abasenyeri ntakomeye mumutwe murarabe neza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.