Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bizimana:"Abegwa n’ibibazo vya politike bakwiye kwicara bakavugana ivyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bizimana:"Abegwa n’ibibazo vya politike bakwiye kwicara bakavugana ivyo (...)

Bizimana:"Abegwa n’ibibazo vya politike bakwiye kwicara bakavugana ivyo boganirako"

mardi 22 Nyakanga 2015

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rumenyesha ko kugira ibintu bigende neza mu Burundi,abegwa n’ibibazo vya politike mu Burundi bose bakwiye kwicara hamwe bakavugana ivyo boganirako.

Kubwa Francois Bizimana umuvugizi w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,igikenewe ni ugutangura kumenya ivyo kuganirako,abo mu ganira naho ibiganiro vyobera.

Ku kibazo co kumenya nimba hari umuhuza akenewe,Francois Bizimana avuga ko impande zose zitegerezwa kuraba ko zishobora kwimarira ibibazo,mu gihe basanze batavyimarira bakarondera uwuja hagati.

Mu gihe hari abibaza ko umuhuza ashobora kuba umurundi,Francois Bizimana amenyesha ko bishoboka,ariko ko turavye ibihe Uburundi bwaciyemwo nivyo buheruka gucamwo,hakenewe umuhuza mva makungu.

Mwomenya ko ibi,umuvugizi w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,abimenyesheje inyuma yaho umugambwe CNDD FDD umenyesheje ko witeguye kuja mu biganiro,ariko bibera mu Burundi kandi ata muhuza akenewe.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nitegereje imitego reta y’Uburundi n’abayirwanya bashiramwo mu kwanka no kuburagiza ibiganiro ndabona ibiganiro bizogorana kandi ko amahoro azoteba kuboneka. Ariko ni munkundire mvuge ibintu bitanu gusa.

    1. Imvugo zigoramye n’agasuzuguro abanyepolitique bogerageza kuvyirukana mu kanwa kabo.

    2. Igisoda, igipolisi, ubucamanza, la documentation ni bibe koko les forces techniques du judiciaire et non les forces techniques de l’unique institution présidentielle.

    3. Respectez les autres pouvoirs (les pouvoirs religieux, le pouvoir de la presse) et le scène de la politique internationale.

    4. Pensez àcette richesse que peut apporter l’opposition au pays au cas où vous diminuerez la distance de tension entre vous en tant que gouvernement et elle en tant qu’interlocuteur privillégié. Je cite ’’ Si tu diffère de moi loin de me léser tu m’enrichis’’ dit Antoine de Saint-Expéry.

    5. Ne fondez pas votre politique sur le populisme(la prise en otage de l’institué’’population’’ fondez plutôt votre politique sur les opinions croisées, transversales et verticales si vous voulez sortir le Burundi de l’impasse.

    Merci!

  • MUHAYEMUVAYO NIYOMWADUHEMUKIYE

  • NONE UWO AVUGIRA AMIZERO Y’ABARUNDI ATAKIBAHO, NYAMBA AVUGIRA RWASA SINZI RERO KO ARI ICEGERA CA MAGERA. KANDI NDAVYE UKUNTU YISHIRA IMBERE ABA YARARONSE N’UBUSHIKIRANGANJI GUSA NUKO RWASA AFISE ABIWE BAKERA ADAKORANA NABAJE KUMUCAMWO UWO NAGENDE KUVUGIRA NYANGOMA

  • Twebwe abarwanyi ntabiganiro dukeneye,uti kuki?ingwano nyangwano Ibitaratangura ngohanyuma ngibiganiro?tudakubitanye nkimyaka 3 ntibishoboka!dukeney gufatigihugu hama ibiganiro

  • Abarundi barakomeje gushira ubwenge kugihe.

  • JEWE CIZA ICOMBONA ATARI IBIGANIRO NTAKINDI COBAHUZA NAKARE AMAHEREZO YAVYOSE NIBIGANIRO

  • JEWE CIZA ICOMBONA ATARI IBIGANIRO NTAKINDI COBAHUZA NAKARE AMAHEREZO YAVYOSE NIBIGANIRO

  • Uwo yiyise mix nabandi biyitirira abagwanyi bakifuza ingano ntabwenge.gukokeza ntaco bizokuviramwo ndizerako utari igiti ntubuze nigisanira ese yoba igahitana abawe bose maze ikagusiga uri inkokore niho wokwiga kuvuga.

  • KOMERA MUTAMA UMUTI WIBIBAZO NTIKWICARA MUKABIVUGANA.

  • VYIZA MWOKWICARA MUKAGANIRA

  • Aha iwacu tuzohora mubiganiro. None nkabarya birirwa baratera akaguma uzobaha iki kugira batekereze?
    shake mubahebere vyose ntibazotekereza batabonye ko bahoneje icitwa muhutu cose.
    Ndingaha muzoba mumbarira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.