Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
BNUB irashima ugutahuka kwa Rwasa Agathon n’abandi banyepolitike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > BNUB irashima ugutahuka kwa Rwasa Agathon n’abandi banyepolitike

BNUB irashima ugutahuka kwa Rwasa Agathon n’abandi banyepolitike

jeudi 8 Myandagaro 2013

Ubuserukizi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi burashima umuzo wa Rwasa Agathon n’abandi banyepolitike b’abarundi nka Alexis Sinduhije, Pascaline Kampayano bose bari bahunze inyuma y’umutekano muke waranze amatora yo mu mwaka w’2010.

Mw’itangazo basohoye ku munsi w’ejo, BNUB (Bureau des Nations Unies au Burundi) irakeza Leta ku cuka ciza catumye abo banyepolitike batahuka, ubu bakaba bariko barabandanya ibikorwa vyabo vya politike.

BNUB yaboneyeho n’akaryo ko gutera intege abanyepolitike mu Burundi, ibipfuriza gukorera hamwe, n’umutima wo gukunda igihugu, mu ntumbero yo gutegura neza amatora yigenga, yizewe, yo ku mugaragaro ategekanijwe mu mwaka w’2015.

Ku ruhande rwayo, BNUB yiyemeje ko mu kiringo ifise mu Burundi izokwama ishigikira utwigoro two gutsimbataza ikiyago ca politike gihuza bose, intwaro rusangi, amahoro n’iterambere rirama.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.