Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
BNUB yatunganije inama ku banyepolitike bose bo mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > BNUB yatunganije inama ku banyepolitike bose bo mu Burundi

BNUB yatunganije inama ku banyepolitike bose bo mu Burundi

lundi 11 Ntwarante 2013

Hatanguye kuri uyu wa mbere i Bujumbura inama rukokoma ihuza abanyepolitike bose kugira bagarukane icuka ciza muri politike. Intumbero ni kuraba utunenge n’ivyiza vyaranze amatora yo mu mwaka w’2010 hanyuma abanyepolitike bahakure icigwa kugira amatora yo mu mwaka w’2010.

Abitavye iyo nama n’abarongoye n’abaserukira imigambwe yose 44 yemewe n’amategeko mu Burundi, abahoze ari abakuru b’igihugu, abatwara umugwi ujejwe gutegura amatora yo mu mwaka w’2015, abaserukira amashengero n’abandi bose begwa n’ikibazo ca politike mu Burundi hamwe rero n’abatumire mvamakungu.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Therence Sinunguruza niwe yuguruye icese iyo nama. Yashimiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko ryiyumviriye guhuza abanyepolitike bose mu Burundi. Yavuze ko ari intambwe ikomeye mu buzima bw’igihugu kandi yasavye abitavye iyo nama ko bovuga ata kurya umunwa utunenge n’ibindi vyaranze amatora yo mu mwaka w’2010 kugira bizokosorwe mu mwaka w’2015.

Yibukije ko mu mwaka w’2010, imigambwe itari mike yisokoye mu matora ariko asaba ko mu mwaka w’2015 bitosubira kuko bafise intererano idasanzwe mu kubaka igihugu.

JPEG - 52.9 ko

Umunyamabanga mukuru wa ONU yashikirije ijambo ari i New York muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kandi ijambo ryiwe ryumvirijwe mu gacerere ntangere. Ban-Ki Moon yavuze ko ibiganiro bihuza abanyepolitike ari nkenerwa igihe cose haba imbere canke inyuma y’amatora. Ati nico kiranga demokarasi kandi ivyiyumviro vyose birahawe ikaze kuko nivyo vyubaka igihugu. Yasavye abitavye iyo nama gutanga intererano zabo mu ntumbero yo gutegura amatora meza kandi yubahirije amategeko. Ariko yavuze ko amatora atarico kiringo kiranga abanyepolitike gusa, ngo n’inyuma y’amatora politike irabandanya.

Parfait Onanga Anyanga aserukira ONU agatwara ibiro vya BNUB mu Burundi yabwiye abo banyepolitike ko ari ibihe bikomeye muri iyo nama. Yavuze ati ’’ Mushobora gucagura inziza imwe ishikika muri iyi nama. Inzira ya mbere ni guca hirya no ibintu vyose vyaranze amatora yo mu mwaka w’2010, kuraba ibitagenze neza hamwe no kubitorera umuti mu mwaka w’2015. Inzira ya kabiri, mushobora kwitaho inyungu zanyu aho kwitaho inyungu za benshi. Ariko ico ONU ibahanura cane n’uko inzira ya kabiri mwoyigiza kure, mukayirinda kuko ishikana kugusambura igihugu no kudashika kw’iterambere rirama. Mwihatire ku nzira ya mbere kuko niyo ishika kandi yubaka igihugu’’.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Eduard Nduwimana yashimye nawe nyene ako karyo ko guhanahana ivyiyumviro. Ariko yatangaje ko atari ibiganiro vyo kugabura ibibanza canke kutemera inzego zatowe n’abanyagihugu mu mwaka w’2010. Yamenyesheje ko Reta y’u Burundi izokwemera ibizova muri iyo nama ariko mugihe bitoca kubiri n’ingendo yo kubaka igihugu hisunzwe icigwa cova mu matora yo mu mwaka w’2010.

Yashimye kandi ko abanyepolitike bari bahunze u Burundi bitavye iyo nama abandi nabo bakaba barungitse ababaserukira. Yabasavye gutunganya neza imigambwe yabo kandi ngo mu minsi mikeye agiye kubakoranya bavugane n’ibindi bikorwa vya politike bikenewe.

Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD yaratahutse kandi niwe yaje muri iyo nama, uwundi yayitavye yahora mu buhungiro ni Pascaline Kampayano yari yaserukiye umugambwe UPD-Zigamibanga mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2010. Leonard Nyangoma arongoye CNDD na Rwasa Agathon avuga ko arongoye FNL barungitse intumwa Francois Bizimana na Aime Magera.

Iyo nama yatanguye kuri uyu wa mbere izomara iminsi itatu.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.