Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Brarudi yegeranije imiriyoni 30 zo gufasha abadandaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Brarudi yegeranije imiriyoni 30 zo gufasha abadandaza

Brarudi yegeranije imiriyoni 30 zo gufasha abadandaza

lundi 1er Ndamukiza 2013

Ku musi wa Pasika igenekerezo rya 31 Ntwarante, ishirahamwe Brarudi ryaratunganije igiteramo. Amafaranga yegeranijwe angana imiriyoni 30, akazoshikirizwa bamwe mu bari bafise imitahe idashemeye baburiye ibintu vyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura yarigiswe n’umucanwa.

JPEG - 56.3 ko

Cari igeteramo c’akataraboneka. Imyiteguro ntiyari isanzwe, abacitavye na bo bari benshi cane. Ku muhingamo, ibarabara ryitiriwe Kaminuza, ahatumbereye ishure ryisumbuye rya (Lycée ) Nyakabiga ntiharengana. Umutekano wari ucunzwe, abakozi ba Brarudi na bo bariko baradandaza amatike.

JPEG - 52.2 ko

Abantu bagwiriyemwo urwaruka baguma baza ku bwinshi, kandi bashikira ahantu hazitiye neza, nta mudurumbanyo wari uhari. Hari abasore bateguwe biyumva ku nguvu baza baramama uwitwaye ukutariko, kandi babigira mu bwitonzi. Aho abaririmvyi batambira hari hateguwe neza cane, igiporisi cari cazanye mbere imodokari izimya umucanwa Kizimyamwoto.

JPEG - 53.5 ko

Abantu ibihumbi vyinshi bitavye bari bateguriwe n’utuzu twa Surwumwe, kandi irya n’ino hari hagwiriye udukono two kuzimya umucanwa « extincteur ». Abarirmvyi b’Abarundi batandukanye ni ho bari, baza barakuranwa kuririmba, rwa rwaruka na rwo vyarashika rukidagadura. Abafise agafaranga canke abari mu batumire barica akanyota ibirori bikaguma bihimbaye. Abaririmvyi, benshi bagiye baravuga ko bahojeje abahishije ibintu vyabo mw’isoko.

JPEG - 53.5 ko
JPEG - 46.9 ko

Hasigaye kuririmba Rallye Joe, Fariouz na Kidumu, umuyobozi wa Brarudi yaciye afata ijambo, amenyesha ko hegeranijwe imiriyoni 30. Yarashimiye abamenyeshamakuru bagumye bamenyesha ko ico giteramo kizoba, abacitavye, abaririmvyi bitanze ku buntu, abakozi ba Brarudi n’abandi. Yaciye ashikiriza isheke y’ayo mafaranga Nkengurutse Christian, umunyamabanga mukuru w’ikigo kijejwe ubudandaje n’amahinguriro mu Burundi CFCIB.

JPEG - 58.8 ko

Yibukije ko iryo shirahamwe ryabaye irya mbere mu gutabara kuko ryatanze imiriyoni 50 yo kwubaka isoko.

Christian Nkengurtse, amaze gushima cane, yizeje abari aho bose ko ata nkeka ayo mafaranga azoshikira abo agenewe bose, bakaba babicisha mw’ishirahamwe Burundi bwacu rifasha baburiye ibintu muri nya mpanuka y’isoko.

Kidumu ni we yasozereye ibirori, kandi bwije bose bagihimbawe , eka n’imvura yarakuvye muga niyatovye urubanza.

JPEG - 58.2 ko
JPEG - 2.2 Mo

Juste Bigirimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.