Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
“Britney Jean”, urukurikirane rw’8 rwa Britney Spears rugiye gusohoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > “Britney Jean”, urukurikirane rw’8 rwa Britney Spears rugiye gusohoka

“Britney Jean”, urukurikirane rw’8 rwa Britney Spears rugiye gusohoka

mercredi 16 Gitugutu 2013

Britney Spears agiye gusohora vuba urukurikirane rushasha rugira 8. Urwo rukurikirane akaba yarwise “Britney Jean”. Brit Brit akaba agiye kandi gutegura uburaro bwiwe bushasha bw’i Planet Hollywood mu gisagara ca Las Vegas.

Britney Spears, « umuganwakazi w’ umudiho wa Pop” azohimbaza imyaka 32 kw’itariki 2 Kigarama 2013, agiye gusohora urukurikirane rw’indirimbo rugira 8. Urwo rukurikirane rushasha Brit Brit akaba yarwise “Britney Jean”. Ruje rukurikira “Femme fatal” rwasohotse mu 2011. Uwo muririmvyikazi atanga insiguro y’iryo zina muri aya majambo: “Ni urukurikirane bwite, umuryango wanje wose ukunda kumpamagara Britney Jean. Ni izina ry’inkora mutima kuri jewe. Ngomba rero kubisabikaniriza abakunzi banje”.

Urwo rukurikirane ruzoba rugize urw’8 rwa Britney Spears rukaba ruzosohoka kw’igenekerezo rya 3 Kigarama 2013. Ni ukuvuga umunsi umwe gusa uyo muririmvyikazi w’umunyamerika akwije imyaka 32. Nkuko avyivugira wenyene, yizeye ko urwo rukurikirane “Britney Jean” ruzoryohera abakunzi biwe. Ku ndirimbo zigize urwo rukurikirane, Spears akaba yarakoranye nabandi baririmvyi nka Will I Am, William Orbit, Madonna. Ivyo vyose akaba yabivugiye kw’iradiyo yo mu Bwonereza, Capital FM iri mu gisagara ca Londres.abandi nabo boba barakoranye, Brit akaba yagize ati: “Bisaba gutenyenya kugira mu bamenye”.

Hampande y’urwo rukurikirane rwa Britney Spears rugiye gusohoka, uyu muririmvyikazi ariko aranategura uburaro bwiwe bushasha bw’i Planet Hollywood mu gisagara ca Las Vegas. Ibikorwa vy’ubwo buraro bikaba bizotangura kw’ienekerezo rya 27 Kigarama. Spears ati: “Birantera intege. Narazungurutse isi kenshi, ndara mu mahoteri atandukanye. Bizoba biryoshe kuguma mu kibanza kimwe kumwe n’abana banje n’umuryango wanje.”


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.