Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Buganda: Imbonerakure zagirizwa guhohotera umwana w’umwigeme - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Buganda: Imbonerakure zagirizwa guhohotera umwana w’umwigeme

Buganda: Imbonerakure zagirizwa guhohotera umwana w’umwigeme

mercredi 11 Kigarama 2013

Abanyagihugu bo muri komine ya Buganda mu ntara ya Cibitoke baridogera urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, ko urwo rwaruka rusigaye rwigenza nk’aho ari rwo rwasubiriye inzego z’umutekano.

Ivyo abo banyagihugu bakaba babivuze mu gihe kuri uyu wa gatandatu, imbonerakure zasimbiye ku mwana w’umwigeme yitwa Odette Irakoze ziramukubita zirambikako n’agahiri, zimwagiriza ko yivye amafaranga ibihumbi 160 uwo yahora afasha akazi ko mu nzu.

Ishirahamwe rihurikiyemwo abakenyezi bo muri komine ya Buganda, bakaba basaba ko amatohoza yogirwa, imbonerakure izokwagirwa n’icaha co gusinzikariza ubuzima uyo mwana w’umwigeme, iheze ihanwe bimwe vy’akarorero. Abanyagihugu baho i Buganda, bakaba basaba abarongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu gukurikiranira hagufi ibikorwa vy’urwo rwaruka rw’imbonerakure, kuko bigaragara ko zishaka gusubirira inzego z’inyamiramabi, mu kwihanira abanyagihugu, kandi ataburenganzira babifitiye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.