IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Buhonga : Intsinga z’umuyagankuba zabamariye abana

Buhonga : Intsinga z’umuyagankuba zabamariye abana

lundi 8 Nyakanga 2014

Bimwe mu bibazo abantu benshi bibaza iyo bariko bararengana mw’ibarabara rikuru bita RN7 bumaze guhwibira baravye ku mitumba iri hakurya ya paroise buhonga ukuntu hose amatara aba ariko araka ku mihana yose ucishije mu bitoke ahari umuhana uhabwirwa n’umuco.

Umuntu abajije abanyagihugu basanzwe baba ngaho bavugako bagiye bariyungunganya bapfundikanya agatsinga kamwe kamwe, uko bakaronse bagaca bafundikanya n’utumwanya umuhana umwumwe ukaza urironderera ukuntu wo kwishikiriza umuyagankuba ku muhana iwabo, canke ku kazu badandarizamwo.
Uwo muyagankuba bakaba bawurahura i Buhonga ku ntsinga z’amatara zica munsi ya paroisse Buhonga. Bavuga ko ayo matara abafasha mu kubonesha aho baba mbere bikanabafasha no mutundi twankenerwa mu buzima bw’aminsi yose, nko gutumatumanako amakuru nk’akaroro bibatuma batunga amaterefone ngendanwa bakazironkera umuriro bitabagoye, mukuryosha imanza n’ugutamba bagatamba nk’iyo biriranywe imanza z’ubugeni, no mu kudandaza.

Naho bimez’uko bavuga ko ayo matara adasiba guhekura abavyeyi mu gihe hagize agatsinga gakorokeye hasi, kuko udutsinga tuba ari dutoyi cane dutwara umuyagankuba w’umuvuduko munini. Iyo duhuriranye n’umwana agiye kw’ihagarika aho twakorokeye, aba yeretse umukondo ijuru, kuko kenshi dukoroka turimwo umuyagankuba kandi ntaba yashoboye kutubona. Hari n’abandi bagenda kunoba bariko barikinira zigaca z’ibahitana.

Ubajije abanyagihu bo ngaho muri ako karere, baremezako naho bimeze uko, ko batarota baheba kwirahurira uyo muyagankuba, kuko basavye abajejwe intwaro bo muriyo komine kugira nabo babarahurire uyo muyagankuba bamera nkabica amatwi. Abo banyagihugu bavuga k’uwo muyagankuba utoguma ubaca hejuru uja ahandi kandi nabo nyene bawukeneye.


Anitha Bizimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.