IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Abadandaza ku mabarabara ntiborohewe

Bujumbura: Abadandaza ku mabarabara ntiborohewe

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Inyuma y’aho isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye,haribonekeza mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura abandandaza mu mabarabara bikoreye imboga,ivyamwa ,abandi bicaye k’umabarabara barindiriye ababagurira,ariko rero igipolisi kiri mu gikorwa co gukuraho abo bantu bose.

Mu gihe mu bice bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura hibonekeza abadandaza batembereza ibidandazwa ku mitwe canke abandi bicaye barindiriye abaza kubagurira,igipolisi coco nticabemereye ko babandanya badandariza mu bibanza bitazwi n’amategeko.

JPEG - 37.9 ko

Kubwo bamwe mu bapolisi bari muri ico gikorwa twabajije,batubwiye ko bafise itegeko ryo gukura mu mabarabara abantu bose badandariza muri ayo m’abarabara mkuko batariha amakori,kandi ngo urwo rudandazwa rusanzwe rutuma haba isuku rike mu gisagara.

JPEG - 26.4 ko

Umudanda atashimye kwivuga izina adandaza imboga twabajije, yatubwiye ko n’aho igipolisi kibabuza kudandaza, bidashoboka ko bobireka kuko ata handi babona bokura uburyo bwo kubeshaho imiryango yabo na rirya basanzwe baba mu mazu bariha ku kwezi.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.