IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abahuye n’ingorane z’imvura harageze ko basubizwa mu mihana (...)

Bujumbura : Abahuye n’ingorane z’imvura harageze ko basubizwa mu mihana iwabo

samedi 26 Ndamukiza 2014

Mw’ishirahamwe ritabara imbabare Croix rouge risanzwe rifashe mu mugongo abahuye nawa mwuzurira watikiza abantu n’ibintu mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, bavuga ko hageze ko abateshejwe izabo basubizwa mu buzima busanzwe.

Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe asigura ko hageze ko basubira iyo baje bava, kuko ubuzima bwo mu nkambi butoroshe. Asigura ko ibikoresho bakoresha yaba utuzu twasugumwe, amahema, n’ibindi ari ibintu biba bitegakanijwe gukora mu kiringo c’amezi atatu gusa , ubu rero muri croix rouge bavuga ko biriko birasaza.

Mw’ishirahamwe croix rouge bakamenyesha ko hageze ko bitegurira ikindi gikorwa naho bitoroshe, kuko muri abo bateshejwe izabo harimwo abapangayi, nk’uko bibandanywa bishikirizwa na Anselme Katiyunguruza umunyambanga mukuru w’iryyo shirahamwe. Ariko abandanya amenyesha ko mu bari basanzwe bafise amatongo (parcelles ) bamwe bamwe baramaze gutaha kuko bubakiwe amazu.

Muri croix rouge basaba ko ababijejwe bose, yaba abagira neza na Reta kwicara hamwe kugira barabe ingene abo bantu bobasubiza mu buzima busanzwe. Mwomenya rero ko inzu 1200 arizo zasambutse n’uwo mwuzurira, abantu bashika 20000 nabo barateshejwe izabo ushizemwo nabo mu Gatumba. Anselme Katiyunguruza akavuga ko nabari bapanze, ikibazo cabo kigiye kwigwa kugira barabe ingene bobasubiza mu buzima busanzwe.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.