IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abantu bataramenyekana igitigiri bahitanywe n’imvura

Bujumbura : Abantu bataramenyekana igitigiri bahitanywe n’imvura

lundi 30 Ntwarante 2015

Abantu bataramenyekana igitigiri nibo basize ubuzima mu mvura yaguye mu makomine ya Muhuta na Bugarama y’intara ya Bujumbura.

Imvura yaguye ku muhingamo wo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Ntwarante, ikaba yononye ibitari bike. Muri ivyo, akaba ari ibiraro, vyahitanywe n’uruzi rwa Nyaruhongoka, urwo narwo, rukaba rwahitanye ibarabara rya Bujumbura Rumonge rurrarica, aho kuva kuri uyu w’Imana ku mugoroba ritarengana. Iyo mvura rero yatumye urwo ruzi rwuzura, ruca rwihereza ayandi mayira, ariko guca rwisesa mw’ibarabara, ruhitana amazu n’abantu rusuka mw’itanganyika, amabuye nayo akaba yava mu misozi y’iyo ntara ya Bujumbura yisuka mw’ibarabara hagati.

Abava mu Rumonge baja i Bujumbura canke abaja mu Rumonge bavuye i Bujumbura, bakaba bari basigaye bafashwa n’ubwato kubajabukana. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana ari kumwe n’uwumutekano Gabriel Nizigama, akaba yavuze ko Reta y’Uburundi igiye kuzokora ibishoboka vyose kugira ifashe abahuye n’iyo mvura ivanze igihuhusi yononye ibitari bike.


Aristide Nizigire

Messages

  • yoooo Mana fasha uburundi nabarundi kuko uburundi bugeze ahatemba

  • Condoléances benewacu b’abarundi nukuri Imana n’igarukir’igihugu cacu kigeramiwe n’amahano menshi kandi y’ubwoko bwose ,Mana harageze k’Usubira guhaguruka ugatabara Igihugu ntikimere nka sodomu na Gomora

  • ibi nibihano imana iguma iturungikira kubera ivyaha vya ba cndd fdd vyabay umurengera natwe tukaguma tureze amaboko kandi bibera mugihugu catwese nimuze twikure abo bicanyi

  • Imiryango yabuze abayo yihangane kandi abarundi dusengere igihugu cacu tugire numutiima wogufashanya igihe abandi bagize ivyago nkibi.

  • Jewe nshaka kumenya uwahaye akazi Eduard kuko bafise ubwenge bungana. Mbega hamwe inzoka ije mucumba cawe hanyuma ikakurya, ikaca yinyegeza ahonyene mucumba, woca uja kwamuganga kwivuza hanyuma ukarindira yongere ikurye kugira usubire kwa muganga? Mbega umaze gukira, woronka amahoro kuko muganga ari hafi yawe? canke woronka amahoro uyishe ukayisohora! Ibintu nkibi bimaze kuba incuro nyinshi mugihugu kandi bigahitana abantu n’ibintu. Mbega abantu bazoronswa amahoro n’utwo dufashanyo biba mumakori abaha? canke boronswa amahoro nibikogwa vyo gukingira ubuzima bwabo mukurabaukuntu ico kintu kitosubira kuba! Bimunaniye, nibabaze ibindi bihugu biteye imbere!! Mbega umuntu arashoboye kumara imyaka cumi kubutegetsi, ntihagire nikintu nakimwe amarira igihugu??? NDAKUGAYE PEEE!!

  • @ World , nawendakugaye uvugamo Nduwimana Eduard mugihe amaze kubutegetsi atacoyakoze! Ahubwowarikuvugati nyabuna nubwomwakoze ibitaribike atibigikenewe gukorwa biracarivyishi. I’ll

  • Mbega Ivyago!Mana Harageze Ko Ugarukira Uburundi!!!

  • turahojeje imityangoyabuze.manatabarabarundi !

  • Imana niyubikibiganza vyayo kuburundi kuko tumaze kubona vyishi!

  • Banyarutunga nimwihangane mwisi. Nikobigenda turimugihe ciherezo ivyago bitegezwa kubaho ndahojeje imiryongo yabuze dufatanije umubabaro.

  • @Nuwera Mbega iyo ubwiye so wawe ngo uja kwishure, aca agushimira akaja mubandi agatamba atabona ico ugarukanye? OYA! Agushimira abonye amanota MEZA ugarukanye. Wewe nama nakubwiye ko iyo uba utigira umuvugizi wa CDDFDD, maze ugafatanya n’abandi barundi guharanira akazoza k’igihugu, ntituba turi kwishurana kukintu cibonekeza nkico washatse kunyishurako. Uburundi buharugwa mubihugu bibiri vyanyuma kwisi mubutunzi, Ubwigenge bwaramaze kutegwa ibitugu, Inzara iriko ihitana abanyagihugu,... Ariko ushaka kwigira bimwe pierre Nkurunziza ari kwigira. Uwuvuze ukuri ushaka kumuhoza. na wewe nyarucari, ntasoni?

  • igihugu cubahuka abakozi b’imana kigakerera amazosi!na bado ntiturabona

  • nukugira amapfungo tukisonzesha tukambara amagunira tukisiga niminyota kugira IMANA igarukire u BURUNDI itugirire i kigongwe yongere idukureko iyintwaro yabigira abakozi bayo kandi bakorera izindi mana kuko ivyobakora bigaragara.handitswe ngo: Bazobona ibara abigira ngo bakorera uwuhoraho kandi ari abangushi.

  • @ World, ndazikomuzi kurementanya ndagusavye ntundementanirize, jewe nakubwiyeko Edward Nduwimana mugihe bamaze batwara Ko hariho ivyobakoze kandibiboneka atirero ubonye ingorane zibaye ukacuvunga ngontacobakoze mumyaka 10 narajubwiye nti: Vyarivyiza iyowapfuma uvugango: Atinyamuneka mushikiranganji nubwomufise ivyomwakoze binaboneka atimugabo impinga iracarindende ativyogukorwa biracarivyishi, none ivyo bisigura uwuvugira Cnddfdd? Jewe namanumva ivyobakoze bishimwa nabarundi batarimuri Cnddfdd nabandibantubeshi batari nabarundi! Jewe ndakubwira ivyobakoze bibonwanamaso nayo ivyokuvugira Cnddfdd nikindi kuko ubumbona dutanguye noguta akarangamutima canecane kubugumyabanga ahodusigaye tugendakuvugira kumisozi ivyaribikwiye kuvugirwa ahiherereye kandihavyagiye abovyega canecane.

  • Minawapa pol walewote miminikogoma

  • @Nuwera Wewe naho twosubira inyuma tukaraba ivyiyumviro vyawe vyose wanditse kuri uru rubuga kuva rushingwa, Ntamunsi numwe wigeze utera ivyatsi ingendo mbi ikozwe n’imugumyabanga. Agakoretse kose iyo kagirijwe umugumyabanga wacu, uca umengo niwe bavuze. Twese turi abagumyabanga, ariko bamwe bamwe dukunda igihugu kurusha Umugambwe. Iyo umugumyabanga akoze icaha, ategerezwa guhanwa biciye mumategeko. Abarundi twese dutegerezwa kungana imbere y’amategeko agenga igihugu. Ibi ndabivuga kuko nakwipfuza ko abagumyabanga tuba akarorero muri vyose. Ejo bundi wanditse usaba ko niyo ikibazo c’abagumyabanga bari kwidohora mumuryango kitatoregwa umuti ngo ko utazosubira kwandika ivyo wandika. Biboneka ko Igihugu muri rusangi wagiteye ibitugu, maze ugumbira umugambwe. ukutamenya kwabantu nkawe niko kuvamwo abakoreshwa ivyaha bitandukanye n’inkozi zikibi. Wigarure, Uburundi nubwatwese!

  • Depuis 10 ans, une bande de voyous ont pris en otage ce beau pays aux potentialites immenses. Au nom de ce qu on appelle cyniquement democratie, nous sommes maintenant au rang de 2 eme pays le plus pauvre de la planete, malgre nos enormes richesses. Et la meme clique veut un autre mandat! Ne soyez pas surpris si demain naissait un Biafra burundais. Ou bien on est gouverne comme tout peuple normal, ou bien on solde nos comptes.

  • @World, mugenzi ndabona wewe ufise ukuntamenya kurenze, kuko utanguye kwiyita umugumyabanga kanditariwe numva ukwokytamenya kurenze ukwemera, harumugumyabanga yosumbwa nabatarabagumyabanga kumenyako mumyaka 10 Edouard nabobafatikanije bakoze ibikorinka? Arikowewe urikuribeshera ngurumugumyabanga wabwiye umushikiranganji ngontacoyakoze mumyaka 10 bamaze kubutegetsi!!! Iyomvugoyonyene irakwerekana kurikatamanikirwa mukwibeshera ngurumugumyabanga ngushaka kuzurahanura abangumyabanga nkawe kumbe not yet you are lied! Jewe kubitagendaneza muri Cnddfdd sinshobora kubivugura kugasozi nkanditwama twahaburanye kandi tuzokwama duhanurana.Nashaka kubibutsako harihumwana yabonye sewiwe yicaye nabi mazehakumwegera ngwamupfuke canke ngwamwongorere ngwamubwire ngo data rabawicayenabi , uwomwana ahubwo yagiyekugasozi arasemerera ngonimundabire ukuntu data yicayenabi birumvikana uwomwana yakoresheje yanzira iharawe yakinogihe ngoniza democratie ! Arikondababwire sewuwomwana yaranuvumwe ngirango uwomwana kuberumuvumo wasewiwe ndiyasubiye kugirihambo mubantu ubuzimabwiwebwose! Nonereronawe urikurashaka ngontwarire hejuru nkaba Pio Ntavyohanyuma!?.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.