Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Igitoro ca "Essence" cabaye umuzi w’ibuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bujumbura : Igitoro ca "Essence" cabaye umuzi w’ibuye

Bujumbura : Igitoro ca "Essence" cabaye umuzi w’ibuye

lundi 16 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu gisagara ca Bujumbura, kuronka igitoro ca essence bisa n’ukurondera umuzi w’ibuye, aho bamwe bahevye basiga imiduga yabo muhira, abandi bagapfa gutondekesha imiduga canke utubido aho vyitwa ko bariko baragitanga kugira baze gushikirwa.

Imyidogo ni myinshi mu basanzwe bakoresha igitoro ca essence kuko ikibazo caco cabaye akananira bahinga. Ahadandarizwa igitoro ca Essence bavuga ko n’ikindi gitoro co mu bwoko bwa Mazout, petrole, navyo nyene atabihari. Ariko igitangaje n’uko hari aho bavuga ko ata gitoro gihari, ariko bagaha imodoka zimwe zimwe muri zimwe zinywesha zikoresheje ama "bons". Aho ikinyamakuru IGIHE caciye mu gatondo ko kuri uno wa mbere, hari aho bariko bagitanga ukuri kwamye, aha twovuga nko kuri station iri iruhande y’ihoteri Novotel, station iri hafi ya alimentation Fidodido, station kingstar iri mu bwiza, imirongo y’abantu ikaba yari miremire cane. Bamwe mu bakozi bakora ku ma "stations" twaganiriye bavuga ko atagihari kuko mu bubiko caheze, aha twovuga nka station iri imbere y’ishirahamwe Econet Wireless, station iri imbere y’uburiro Tropicana, n’izindi. Gushika n’ino saha akaba atawuramenya impamvu nyayo yatumye ico gitoro gikena, kuko kw’isoko mpuzamakungu cagabanutse cane bikavugwa ko gihari bikwiye.

Tubibutse ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ahurikiye muri rwa rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye basaba ko n’iburiburi Reta yoshira igitoro ku mafaranga 1700 kuko no kw’isoko mpuzamakungu cagabanutse bimwe biboneka. Mu nama abadandaza b’igitoro bari bagiranye n’ubushikiranganji bw’ubudandaji hamwe n’ikigega ca Reta bakaba bavuga ko babura amafaranga y’agaciro. Yohani Mariya Uwihanganye, umukuru w’ishirahamwe ry’abasanzwe bazana igitoro mu Burundi, yari yasiguye ko abo bazana igitoro bakenera ku kwezi n’iburiburi imiriyoni 14 z’amafaranga y’agaciro (amadorare), ariko akavuga ko guhera mu kwezi kwa mbere Reta yabaronkeje imiriyoni zine gusa z’amafaranga y’agaciro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.