Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Abanyeporitike barasubira guhurira hamwe bayage - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Bujumbura : Abanyeporitike barasubira guhurira hamwe bayage

Bujumbura : Abanyeporitike barasubira guhurira hamwe bayage

mardi 20 Rusama 2014

Abanyeporitike b’abarundi barasubira guhurira hamwe kugira bayage ku bijanye n’urupapuro rw’inzira, mu ntumbero yo gutegura amatora meza yo mu mwaka w’2015.

Muri ivyo bikorwa vy’iyo nama biza kuba vyatewe iteka n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza, abanyeporitike nka bose bikavugwa ko batumiwe mu ntumbero yogutsimbataza icuka ciza mu migambwe, n’aho bamwe mu migambwe bemeza ko kuva bahuriye mu Kayanza aho bumvikana urupapuro rw’inzira, ivyari vyumvikanywe bitashoboye kuja mu ngiro, kuko icibwamwo ubunywenywe imigambwe vyabandanije, ndetse n’imigambwe yipfuje gusubizahamwe yagiriza ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, kuba bwarabigizemwo uruhara mu kubaburagiza.

Mukamenya ko ivyo bikorwa biriko bibera mw’ihoteri Source du Nil, biriko biba Reta y’Uburundi ifashanije n’ibiro vy’uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Vyarivyiza yababavyubahiriza amategeko agakora ariko ngaho nugutumwanya nkuwobataye mbere Edware ntajambo afise icocegera cambere naco ntabishasha azanye kkonanyene ntajambo afise ni dd mubandi ntagakiza karimwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.