Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Abarovyi n’abasumyi bose basangiye umunezero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bujumbura : Abarovyi n’abasumyi bose basangiye umunezero

Bujumbura : Abarovyi n’abasumyi bose basangiye umunezero

vendredi 7 Ntwarante 2014

Inyuma y’iminsi itari mike abadandaza amafi barirukanywe mw’isoko yo mu kinindo n’abarongoye iyo soko, bavuga ko basubiranyeyo imigisha, mu gihe urudandazwa rwabo, ruriko rugenda neza, bakaba bafise n’ivyo badandaza ku bwinshi.

Bamenyesha ko muri iyi minsi baronka ababashorera, ku buryo ifi ari nyinshi muri iyi, ndetse n’abasumyi bakavuga ko batidoga. Agatunga kariko umufungo w’amafi atandatu matomato, kagurwa amafaranga ibihumbi bitanu, nayo umufungo w’ifi indwi zigereranye ukagurwa amafaranga ibihumbi cumi, ifi zinini indwi zigurwa ibihumbi 20, hakaba n’umufungo w’amafaranga ibihumbi 35.

Abasumyi n’abadandaji bavuga ko imboga ziboneka mu gihe ikiyaga kiba cuguruwe, ifi nazo zigaheza zikitaba abarovyi. Iyo ikiyaga Tanganyika naho cugawe, abasumyi n’abadandaza bavuga ko bose baba baburiye hamwe. Bamwe babura akaboga, abandi nabo bakabura amafaranga abatungira umuryango. Tukabamenyesha ko iki gihe ari ciza no mu masoko atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, aho ifi ziboneka ku bwinshi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nuko muzirye muga nazo zizobarya kko mw’Ijambo ry’Imana hatubwirako dukwiye gusubira kunfugurwa zambere Imana yari yahaye Adamu na Eva ngo bibabere infugurwa,murizo umu keke ntiwarimwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.