IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Amakara yasubiye kuduga igiciro

Bujumbura: Amakara yasubiye kuduga igiciro

lundi 17 Ruheshi 2013

Ababa mu gisagara ca Bujumbura basubiye kwidogera abadandaza amakara, ko basubiye kuyaduza igiciro. Abo banyagihugu bavuga ko amakara bahora bagura amafaranga amajana indwi agaheza agakora umunsi wose, ubu bavuga ko ayo makara atagikora n’igice c’umunsi.

Twashoboye kwishikira hamwe hamwe aho badandariza amakara, turashobora kwibonera uko ibintu vyifashe. Abasanzwe bakora ubuzi bwo mu mazu batubariye ko ivyo abakoresha babo bavuga ari vyo ko ubu amakara yaduze cane, abayadandaza bagumiza kubiciro vya kera ariko nabo bagaheza bakagabanya, bagatanga make. Bavyuga ko kera amakara y’amajana indwi yuzura isashe zimwe nini, none ubu ayo makara ntacuzura n’agasashe gatoya. Abakora ubuzi bwo mu mazu, bavuga ko ivyo bibateranya n’abakoresha babo kuko babagiriza ko bagura ayadakwiriye, abo bakozi bagaheza bakagirizwa ubusuma.

Tubajije abadandaza amakara bavuga ko bayadugije kuva aho Leta ifatiye ingingo yo kubuza ko imiduga imanukana ayo makara ipakira imifuko myinshi, kandi bamenyesha ko nabo, umufuko amafaranga bawurangura mu minsi iheze ubu waduze incuro kabiri.

Abanyagihugu rero bavuga ko ubu bageze habi kuko, imfungurwa kuzironka bigoye, bagize naho ngo bararonse utwo bashira kuziko amakara kikaba ikibazo, abakoresha amakara batumenyesheje ko batabona uwo bari buture ikibazo c’amakara mu Burundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.