IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Amapikipiki yagirizwa gutera amasanganya mu gisagara (...)

Bujumbura : Amapikipiki yagirizwa gutera amasanganya mu gisagara hagati

jeudi 4 Mukakaro 2013

Ku va hafashwe ingingo ko ata pikipiki n’imwe irekuriwe gushika mu gisagara ca Bujumbura hagati, abatari bake baremeza ko amasanganya yagiye aragabanuka, ariko muri iyi minsi biribonekeza ko ayo mapikipiki yasubiye gushika hagati mu gisagara ukuri kwamye, amasanganya nayo agaca aba menshi kuruta.

Ingingo yari yarafashwe ko ata pikipiki n’imwe irekuriwe gushika hagati mu gisagara, ndetse n’ibituro vyazo bikirukanwa, abatari bake haba mu bajejwe ivy’uruja n’uruza mu mabarabara baremeza ko amasanaganya mu mabarabara amwe amwe yinjira hagati mu gisagara canke ava mu gisagara ca Bujumbura hagati aja mu makaratiye amwe amwe yagiye aragabanuka cane.

Abanyagihugu twavuganye mu gisagara ca Bujumbura baremeza ko ivyizo pikipiki bamaze iminsi bazibona, ariko ko bataramenya neza ko itegeko ryabuza izo pikipiki kwinjira mu gisagara ca Bujumbura ko rwoba rwasubiye kuboneka, ariko rero bagatangazwa n’uko urwo ruhusha rwoba rwatanzwe mu mpisho kuko atavyigeze bivurwa ku mugaragaro ko izo pikipiki zishobora gusubira gushika mu gisagara hagati.
Abagendesha amapikipiki twavuganye, bavuga ko ataruhusha bararonaka gushika ubu, ko biyiba rimwe rimwe bakinjira mu gisagara hagati, kuko ku bwabo uwo bashikanye hagati mu gisagara ariha amafaranga menshi kuruta uwo bashikanye ku bituro biri inyuma y’igisagara.

Abagendesha imiduga bavuga ko kuva aho amapikipiki atanguriye kwinjira mu gisagara ca Bujumbura, ko ingorane zitandukanye z’amasanganya zaciye zitangura kugwira, batanga akarorero, aho ku munsi wa kabiri igenekerezo rya kabiri Mukakaro 2013, aho hari umuduga wagonganye n’ipikipiki hagati mu gisagara, maze umuntu umwe arakomereka cane mu mutwe ndetse bikaba vyaraboneka ko aza kuhakurwa n’Imana.

Mu gipolisi ntibahakana ivyo vy’izo pikipiki ariko kandi ntakinini bashima kumenyesha gusa bavuga ko bariko bariga ikibazo c’izo pikipiki.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nanje nabikurikiranye mubinyamakuru mwandika,ahubwo nakamaramaza kubona mugihugu hatangwa itegeko hama rigashingurwa nabari kurikurikiza,gusa abarundi mwokwikebuka!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.