Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Ifi isumwa n’abifise - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bujumbura : Ifi isumwa n’abifise

Bujumbura : Ifi isumwa n’abifise

samedi 3 Myandagaro 2013

Inyama y’ifi, iri mu biribwa bifitiye akamaro amagara y’abantu kandi iri mu biribwa usanga kenshi bifungurwa n’abifise bivanye n’ibiciro usanga ifi igurwa. Mu gisagara ca Bujumbura abatu batari bake barijukiye urudandazwa rw’ifi zirobwa mu kiyaga ca Tanganyika canke mu ruzi rwa Rusiziharaheze imyaka. Ubwoko bw’ifi zidandazwa cane usanga ziri mu bwoko bwa kapitene, sangala na tilapiya.

Abasanzwe badandaza ifi mu gisagara ca Bujumbura rero, baremeza ko ifi zidasumwa n’abaribo bose, kuko kenshi usanga ababasumira ari babandi. Usanga ari nk’abafise amahoteri, amazu y’uburiro akomakomeye, abakora mu mashirahamwe mpuzamakungu akorera aha mu gihugu, abakozi ba OBR n’abandi bantu bifise. Hari abo usanga bariko baratembereza ubwo bwoko bw’amafi ku mutwe, aho usanga bamwe bamwe bari mu mabarabara yinjira mu gisagara ca Bujumbura, abandi ukabasanga hafi y’amamangazini ari hagati mu gisagara. Ariko rero abo ntibashorerwa co kimwe n’abo usanga bafise amazu y’ubudandaji azwi, ikindi ni ukwo abo bazidandaza ukwo, usanga igiciro cabo ari gito ugereranije n’abafise amazu azwi.

Umwe mu bandariza mw’ibarabara izo fi, avuga ko n’aho ico gikorwa kiruhisha co kuguma bazitembereza mu mabarabara nka yose y’igisagara, ariko igiciro bazitangako kibaruhura, kuko avuga ko nk’ifi imwe iri mu bwoko bwa sangala igurishwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi 15 na 18. Ati : « ico giciro ntaco kibaye, turagishima. » Abo bandaza izo fi mu mabarabara, ngo bazinduka inyomvyi ku nkombe z’ikiyaga ca Tanganyika kuzirangura, hanyuma bagaca batangura kuzitembereza ku dutaro mu gisagara ca Bujumbura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.