IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura :Igipolisi cafashe uwahora akora impapuro za magendo

Bujumbura :Igipolisi cafashe uwahora akora impapuro za magendo

mercredi 19 Myandagaro 2015

Umugabo azwi kw’izina rya Haruna Masumbuko w’imyaka 33 y’amavuko,yafashwe n’igipolisi c’igihugu mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 19 Myandagaro.Yafatanywe impauro z’amagendo n’ibindi bikoresho vya magendo.

Nkuko vyashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye,Haruna Masumbuko yafatanywe impapuro z’umutsindo zitandukanye kuva mu mashuri y’intango gushika muri kaminuza,ibimangu (Cachets) vyo mu bushikiranganji butandukanye n’amashirahamwe atandukanye,ivyo mu buserukizi bw’ibihugu bitandukanye mu Burundi n’ahandi nko mu mabanki.

Pierre Nkurikiye yavuze ko icatumye afatwa ari urupapuro rw’umutsindo rwa magendo yakoze ruca rurafatwa,inyuma y’amatohoza baca basanga rwatanzwe na Haruna Masumbuko.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi avuga ko Haruna Masumbuko yari afise inzu y’ubwandikiro mu gisagara hagati mu ntumbero yo kwinyegeza kugutinya ko ivyo yakoresha vyofatirwa mu Buyenzi kuko igipolisi cakunda kuharondera ibintu nkivyo bidakurikije amategeko.

Mwomenya ko Haruna Masumbuko asanzwe aba mu Buyenzi kw’ibarabara rya 16 inomero 2.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.