IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Igipolisi citeguriye gukinga ibitero vya Al Shabab

Bujumbura : Igipolisi citeguriye gukinga ibitero vya Al Shabab

vendredi 26 Ndamukiza 2013

Haraheze iminsi ibiri mu gisagara ca Bujumbura haboneka abapolisi benshi cane cane mu bibanza bikunda kuba birimwo abantu benshi. Imiduga irasuzumwa, abanyagihugu nabo batekewe n’ubwoba bagataha kare.

Ku makuru dukura ku buhinga ngurukana bumenyi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika, bamenyesha ko hashobora kuba ibitero vy’umirwi y’abihevyi, barwanya inyungu z’abanyamerika n’abanyaburaya, eka mbere n’abarundi. Iyo mirwi y’iterabwoba yoba itegura gutera ibice bimwe bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura, mu kiringo co ku genekerezo rya 24 gushika kuri 30 Ndamukiza umwaka w’2013.

Ni muri iyo ntumbero, Leta zunze ubumwe za Amerika, ibicishije mu buserukizi bwayo i Bujumbura, yasavye ishimitse ko abanyamerika baba mu Burundi bokwirinda kugendera mu bibanza bihuriramwo abantu benshi cane. Basaba kandi kwitaho kurushiriza umutekano wabo muri ico kiringo.

Ubwo butumwa bwafashwe nkama na Leta y’Uburundi kuko yaciye irungika vyihutirwa inzego z’umutekano gukingira ivyo bibanza vyikekwa. Mu kiringo ca vuba, igipolisi c’uburundi gitegekanya kurungika abandi bajejwe umutekano mu bindi bibanza nko ku mashure, ku masengero, n’ahandi.

JPEG - 8.9 ko

Umushikiranganji w’umutekano w’igihugu, Gabriel Nizigama, mw’itangazo yashize ahabona arahumuriza abarundi n’abanyamahanga baba mu gihugu c’uburundi. Asaba ko abanyagihugu borikanura, hagize ico bikeka naho bakitura inzego z’umutekano.


Egide Nduwimana

Messages

  • Turizeye inzego z’umutekano mu Burundi na cane cane ko dusanzwe turi ba bitumwako mu makungu. Ababijejwe bakwiye kwama barikanuye umwansi ntabace murya humye. Natwe abanyagihugu dukwiye kumenyera gukorana n’abajejwe umutekano igihe cose hagize ico twikeka.

  • Yemwe yemwe muragabe! Ba bantu bambara no mu maso bakipfuka banteye amakenga... Mbega bazohora babasaka? Bikenewe ho babasaka bizokora abapolisi b’abagabo canke b’abagore? Binteye amakenga kabisa!

  • Barundi barundikazi, ntawe ukunda intambara ariko iyo uyikururiye ni akazi kawe. Mwebwe mwishoye mubyo mutazi kubera kurwanya Islam bikorwa n’abazungu kubera guhangana kwa za ideologies maze mwita mubyo mutazi. Abasilamu mwajyaga mwibanira mumahoro ubu mugiye kujya mubabonamo AL SHABAB kandi arimwe mwagiye kubashotora aho bibereye SOMALIYA. Mwari mukwiye kubanza mugakemura ibibazo byanyu mbere yo kujya kwita mubitabareba bya SOMALIYA. This is a war on Islam. Mubanze mwigishe abo muvyaro vyanyu kwikingira AMAVUNJA kuko nabonye abamereye nabi.

  • the islamist ivyo uvuga ntivyumvikana. Uwukora iterabwoba ntawutomwiyamiriza. Uburundi bwariyemeje kurwanya iterabwoba, na Al Shabab ntaco izoshikako mu gihugu. Urabaza ayo bariko barabona muri Somalie. Ingabo z’igihugu zirakaramba

  • banyagihugu bomugisagara cabujumbura tekana kuko ingabo zabunyoye ziriho zabatujije muri Mogadishou ntizizonanigwa naho zavukiye zashoboye kubatuza ahozitazi ndizeyeko ababatujije heshi muri Mogadishou baramaze gushika ngaho iwacu Ibujumbura ubuhinga bwishi barabufise kandi ntankekako bazineza kugwanya iyomigwi kuko nahoyavukiye yarahataye iromoka none izoshobora murutara iwacu???jakukivi mwitabe akamo ka Nyakubahwa kizigenza wigihugu kogukura amaboko mumpuzu mukaja kukivi ivyumutekano benevyo bavyize kandi babishoboye bariho kandi ntankekako atawuzobacana umutaru uwavuga ivyo aheruka Iburundi kera ntabwo abarundi bubu aricokimwe nabarundi ba 199...... aba 2013 barazi umutekano icarico kuko umwanya barawutaye ntawundi bashaka gutakaza rero ntimwitiranye mugwi w,iterabwoba nama dini ntibisa nagatoyi Ndangije shima cane akigoro kingabo zigihugu zitanga zitiziganya mugihugu zitazi mugabo zikahakorera nkiwabo ahoho abazoza bose hazotaha Uwimanizi nibariyo mugabo nuko bigoye kuvuga ngirayoba uwasatani

  • Muburundi ibitero vyiterabwoba ntabwo bizoborohera nagato.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.