Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Igipolisi citeguriye gukinga ibitero vya Al Shabab
Bujumbura : Igipolisi citeguriye gukinga ibitero vya Al Shabab
vendredi 26 Ndamukiza 2013
Haraheze iminsi ibiri mu gisagara ca Bujumbura haboneka abapolisi benshi cane cane mu bibanza bikunda kuba birimwo abantu benshi. Imiduga irasuzumwa, abanyagihugu nabo batekewe n’ubwoba bagataha kare.
Ku makuru dukura ku buhinga ngurukana bumenyi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika, bamenyesha ko hashobora kuba ibitero vy’umirwi y’abihevyi, barwanya inyungu z’abanyamerika n’abanyaburaya, eka mbere n’abarundi. Iyo mirwi y’iterabwoba yoba itegura gutera ibice bimwe bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura, mu kiringo co ku genekerezo rya 24 gushika kuri 30 Ndamukiza umwaka w’2013.
Ni muri iyo ntumbero, Leta zunze ubumwe za Amerika, ibicishije mu buserukizi bwayo i Bujumbura, yasavye ishimitse ko abanyamerika baba mu Burundi bokwirinda kugendera mu bibanza bihuriramwo abantu benshi cane. Basaba kandi kwitaho kurushiriza umutekano wabo muri ico kiringo.
Ubwo butumwa bwafashwe nkama na Leta y’Uburundi kuko yaciye irungika vyihutirwa inzego z’umutekano gukingira ivyo bibanza vyikekwa. Mu kiringo ca vuba, igipolisi c’uburundi gitegekanya kurungika abandi bajejwe umutekano mu bindi bibanza nko ku mashure, ku masengero, n’ahandi.
Umushikiranganji w’umutekano w’igihugu, Gabriel Nizigama, mw’itangazo yashize ahabona arahumuriza abarundi n’abanyamahanga baba mu gihugu c’uburundi. Asaba ko abanyagihugu borikanura, hagize ico bikeka naho bakitura inzego z’umutekano.
Egide Nduwimana
Messages
26 Ndamukiza 2013, 02:48, par Didier
Turizeye inzego z’umutekano mu Burundi na cane cane ko dusanzwe turi ba bitumwako mu makungu. Ababijejwe bakwiye kwama barikanuye umwansi ntabace murya humye. Natwe abanyagihugu dukwiye kumenyera gukorana n’abajejwe umutekano igihe cose hagize ico twikeka.
26 Ndamukiza 2013, 03:31, par Clarisse
Yemwe yemwe muragabe! Ba bantu bambara no mu maso bakipfuka banteye amakenga... Mbega bazohora babasaka? Bikenewe ho babasaka bizokora abapolisi b’abagabo canke b’abagore? Binteye amakenga kabisa!
26 Ndamukiza 2013, 03:37, par The Islamist
Barundi barundikazi, ntawe ukunda intambara ariko iyo uyikururiye ni akazi kawe. Mwebwe mwishoye mubyo mutazi kubera kurwanya Islam bikorwa n’abazungu kubera guhangana kwa za ideologies maze mwita mubyo mutazi. Abasilamu mwajyaga mwibanira mumahoro ubu mugiye kujya mubabonamo AL SHABAB kandi arimwe mwagiye kubashotora aho bibereye SOMALIYA. Mwari mukwiye kubanza mugakemura ibibazo byanyu mbere yo kujya kwita mubitabareba bya SOMALIYA. This is a war on Islam. Mubanze mwigishe abo muvyaro vyanyu kwikingira AMAVUNJA kuko nabonye abamereye nabi.
26 Ndamukiza 2013, 06:49, par Démocrate
the islamist ivyo uvuga ntivyumvikana. Uwukora iterabwoba ntawutomwiyamiriza. Uburundi bwariyemeje kurwanya iterabwoba, na Al Shabab ntaco izoshikako mu gihugu. Urabaza ayo bariko barabona muri Somalie. Ingabo z’igihugu zirakaramba
26 Ndamukiza 2013, 07:37, par bukuru p claver
banyagihugu bomugisagara cabujumbura tekana kuko ingabo zabunyoye ziriho zabatujije muri Mogadishou ntizizonanigwa naho zavukiye zashoboye kubatuza ahozitazi ndizeyeko ababatujije heshi muri Mogadishou baramaze gushika ngaho iwacu Ibujumbura ubuhinga bwishi barabufise kandi ntankekako bazineza kugwanya iyomigwi kuko nahoyavukiye yarahataye iromoka none izoshobora murutara iwacu???jakukivi mwitabe akamo ka Nyakubahwa kizigenza wigihugu kogukura amaboko mumpuzu mukaja kukivi ivyumutekano benevyo bavyize kandi babishoboye bariho kandi ntankekako atawuzobacana umutaru uwavuga ivyo aheruka Iburundi kera ntabwo abarundi bubu aricokimwe nabarundi ba 199...... aba 2013 barazi umutekano icarico kuko umwanya barawutaye ntawundi bashaka gutakaza rero ntimwitiranye mugwi w,iterabwoba nama dini ntibisa nagatoyi Ndangije shima cane akigoro kingabo zigihugu zitanga zitiziganya mugihugu zitazi mugabo zikahakorera nkiwabo ahoho abazoza bose hazotaha Uwimanizi nibariyo mugabo nuko bigoye kuvuga ngirayoba uwasatani
27 Ndamukiza 2013, 02:00, par Bigirindavyi
Muburundi ibitero vyiterabwoba ntabwo bizoborohera nagato.