Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Ihayanishwa ry’ibidandazwa kuri Tempete - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bujumbura : Ihayanishwa ry’ibidandazwa kuri Tempete

Bujumbura : Ihayanishwa ry’ibidandazwa kuri Tempete

lundi 16 Kigarama 2013

Uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bufadikanije n’ishirahamwe “World young for Development” ryarateguye ihayanishwa ry’ibidanzwa biva mu karere k’Afrika y’Ubuseruko.

Ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 17 Kigarama, Ku kibuga kizwi kw’izina rya Tempete, hazokwugururwa icese ihayanishwa ry’ibidandazwa vyo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko. Iryo hayanishwa rizohera kw’igenekerezo rya 29, ryateguwe n’uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bufadikanije n’ishirahamwe “World Young for Development African. Muri iryo hayanishwa nyene, ku ncuro igira gatanu, ishirahamwe ryo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko ryitaho ivy’uburongozi bwo ku nama, inkino n’imicokama “East African Local Authorities, Sports and Cultural Associations”, rizogirisha amahiganwa azobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Iryo hayanishwa rifise icivugo “gutsimbataza amahoro n’ubumwe mu bihugu bigize akarere Afrika y’Ubuseruko”. Gushika ubu, ibibanza vyo kudandarizwamwo biriko biratangwa. Twobamenyeshako hategekanijwe ibibanza amajana atatu, ibibanza binini gusumba ibindi kimwe gitangwa ku mafaranga y’amarundi ashika 790.000, ibindi bibayabaye n’amafaranga 395.000 y’amarundi.

Ibizobera muri ico kibanza ntizoba bisanzwe, kuva igihe c’isaha 8h 00 z’igitondo gushika isaha 00h 00 z’igitondo, hazoba hakiri uruja n’uruza. Ku masaha yo ku mugoroba, umuziki azoba ari wose, hazokwama hari vya biteramo vya “Karaoke”, n’ibindi. Ibirori vyo kwugurura ihayanishwa bizoba kuri uwo wa kabiri, w’igenekerezo rya 17 Kigarama.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.