IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Ikibazo c’amazi cabaye ndanse muri komine Musaga

Bujumbura: Ikibazo c’amazi cabaye ndanse muri komine Musaga

vendredi 2 Myandagaro 2013

Mu gihe ikiza ca korera casubiye kwiha inganda mu makaratiye yo mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, muri komine Musaga haribokeza ubukene bw’amazi. Indwara ya korera nayo ikaba iterwa ahanini n’isuku rike. Ahatagira amazi naho, nta suku riharangwa.

Komine Musaga, n’imwe mu makomine ari mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujmbura. Iyo komine igizwe n’ama karatiye atari make kandi agwiriye mw’ingo nyinshi. Nko kw’ibarabara rya mbere ry’iyo komine, icerekana ko hari ubukene bw’amazi, n’umurongo w’abantu bafise amabido agaragara ari ku makinga yabo batondeye kw’ibombo rya Leta kugira baronswe amazi meza. Iyo bayaronse, baca baja kuyagurisha mu ngo z’abantu no kuri bamwe bafise uburiro.

N’ababa muri karatiye Gasekebuye ya komine Musaga, yitwa ko ibamwo abantu bifise, hari ubukene bw’amazi meza kuko nabo nyene batondesha amabido kw’ibombo rya Leta, risanzwe riri kure y’ingo zabo kuri bamwe bamwe, kugira baronswe amazi meza. Amazi meza muri komine Musaga ni nko kurondera umuzi w’ibuye. Ku ma bombo ya Leta ariyo, rimwe kuri abiri, niryo ryitwa ko ryoba rifise amazi, naho nyene hakaza ima rimwe rimwe, aramutse aje neza naho, aza mw’ijoro ku mutaga agaca akama. Ivyo bica bituma abaje kuyatondera bahamara nk’amasaha arenga cumi batarayoronka. Muri ico gihe, mu ngo nta mazi meza aba ahari, bisaba ko abantu baca bapfa gukoresha ayari hafi yose, n’ubwo yoba atari na meza. Aho naho, baba bugururiye urugi, ca kiza ca korera kubera isuku rike ryabaye.

Kubw’ikibazo c’amazi meza cabaye ndanse muri komine Musaga, ikiduga kizana amazi meza, cararungitswe muri karatiye Gikoto, ahasinzikaye kurusha ahandi kugira kibe kiragabanya ivyononekaye. Abantu isinzi, bakaba baciye bakikiza ico kiduga bafise utuvomesho twabo kugira baronswe amazi meza. Iyo modoka izana amazi meza, ikaba imaze indwi zibiri iyazanaho kugira iyo karatiye ishobore kuba iraronswa amazi meza. Abanyagihugu ba komine Musaga, bavuga ko barushe no kuza baravoma amazi atari na meza yo m’uruzi Mpimba. Bagasaba Leta ko boronswa amazi meza kugira bashobore kwirinda ikiza ca korera n’izindi ndwara zoshobora kwiyadukiza zivuye kw’isuku rike.

Kw’ivuriro ryo muri iyo komine Musaga, igitigiri c’abarwaye ba korera kiguma ciyongera ku munsi ku munsi. Abantu barenga cumi na batanu bamaze gufatwa na korera, akaba aribo bamaze kuzanwa kuri iryo vuriro. Ubukene bw’amazi bwari busanzwe bwibonekeza muri iyo komine y’igisagara ca Bujumbura, ariko ubu hoho, vyatanguye kurenga inkombe. Mwomenya ko hari haciye iminsi, Leta isavye ishirahamwe REGIDESO gukwiragiza amazi meza muma karitiye yose yo mu gisagara ca Bujumbura, ariko muri komine Musaga hakaba hibokeza ubukene bw’amazi meza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.