IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imvura iriko irarwa ntiyasize amabati azitiye ahahoze isoko (...)

Bujumbura : Imvura iriko irarwa ntiyasize amabati azitiye ahahoze isoko nkuru

mardi 10 Nyakanga 2013

Muri iki gihe imvura isa n’iyatasuye mu gisagara ca Bujumbura, abadandariza mu mabarabara yinjira mu gisagara hagati ntiboroherwa, kuko ukwo imvura irwa ariko nabo bagumana utwo badandaza ku mutwe biruka, mu gihe abandi nabo batimbira aho nyene ku kubura aho bugamika ivyo badandaza.

Imvura iriko irarwa rero kuri uyu mugoroba w’igenekerezo rya 10 Nyakanga, mu gisagara ca Bujumbura, bamwe mu badandariza iruhande yahahoze isoko nkuru ya Bujumbura ntiborohewe kuko benshi bagiye kwugama munsi y’amabati izitiye iyo soko aca abarwako, abandi nabo baca bahitamwo kuyaguma munsi. Amabati amwe rero akaba yaguruka yerekeza hagati mu mabarabara ari iruhande y’aho hahoze isoko, amabati ndetse wabona ko ashobora n’uguteza isanganya imiduga, iriko irengana ari myinshi.

Amabati rero yahora azitiye ico kibanza cahozemwo isoko nkuru ya Bujumbura akaba yagurutse, mu gihe ayandi nayo aryamye hasi, akaba ariyo abadandariza iruhande bipfutse.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.