Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Edouard Nduwimana : Ikirangamisi c’amatora kizotegerezwa kwubahirizwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Edouard Nduwimana : Ikirangamisi c’amatora kizotegerezwa kwubahirizwa

Edouard Nduwimana : Ikirangamisi c’amatora kizotegerezwa kwubahirizwa

lundi 2 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko ata mpungenge canke amakenga afise kw’iyubahirizwa ry’ikiringo c’amatora, biturutse kuri ca gikorwa co guha akaryo abatiyandikishije mw’iyandikwa rya mbere.

Ivyo umushikiranganji Edouard Nduwimana akaba yabishikirije mu gatondo ko kuri uno wa mbere, mu nama yamuhuje n’abarongoye amadini amwe, amashengero, ibinyamakuru n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike amwe amwe. Iyo nama yari ifise intumbero yo guhanahana ivyiyumviro hamwe n’impanuro ku bijanye n’imvugo n’inyifato za bamwe mu banyamigambwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, muri kino gihe twimirije amatora, mu ntumbero yo gutsimbataza ubumwe mu gihugu, nk’uko Edouard Nduwimana abandanya abishikiriza.

Ku cerekeye ubwoba bwa bamwe n’abandi ko ikiringo c’amatora gishobora kutubahirizwa bitumwe n’uko abatiyandikishije bagiye kuronka akandi karyo ko kubikora, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko ata mpungenge n’imwe afise ko ikiringo c’amatora kitokwubahirizwa kuko uburyo buhari, ababikora, amategeko hamwe n’umurwi CENI. Ku cerekeye naho amakosa yabaye mw’iyandikwa rya mbere, Edouard Nduwimana avuga ko bazobimenya neza bamaze kubona intonde z’abiyandikishije.

Tubamenyeshe ko iyo nama izomara iminsi ibiri kuva kuri uno wa kabiri gushika kuwa 3 Nzero uno mwaka, ku rutonde rw’ivyigwa hakaba hari ibi bikurikira : guhananahana ivyiyumviro ku bijanye n’amatora, ugukunda igihugu hamwe n’intwaro rusangi, ibijanye n’itegeko rigenga amatora n’itegeko rigenga amakomine, ibijanye n’intonde z’abazitoza n’ibindi.
Muri iyo nama, amwe mu mashirahamwe hamwe n’abaserukira imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ntibari baserukiwe.


Floxella Karire

Messages

  • Ndatahuracane umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu cacu Nduwimana, iyo uziko atakintu utikurategura cokwonona ibigiye kuzokorwa utegerezwa kwizera kobizogendaneza kukonomumutwe wawe nomubwenge uburazwinshinga nuko ibintubizogendaneza, Ariko uwuziko arikwarategura ikizokwonona ibigiye kuzoba yamana twatujambotuvugango: Ndabarahiye biriyabintu ntakizovamwo, bizogendanabi, ibararizorwa, nutunditujambo ndizeye komukunze kutwumvana bamwenabandi. Ndabigereranya numuntu yipangango mumwaka uzanzokora ibinibi kandi arikwarabibwira abazomugiriranabi icogihe kitarashika, Uburorero bwahafi nubwakure ni Rwagasore na Ndadaye bavuzeko ibintu mu Burundi bigiye kugendaneza mumwaka igiye kuzokurukira ariko abaribabafitiye akazikira baribaziko bazovuonona bakoresheje kubagandagura. Nicogituma ubu abarundi iyotwumvise abategetsi bigihugucacu bavuze ikintucotuma abarundi bagirakazozanziza nkukwo kwuyumushikiranganji Nduwimana avuze, turagabiriza mubwenge kugira ntihagire uwubuza iyokazozanziza avuze akoresheje uburyo butandukanye, nacanecaneko tumenyako uwuwucanyewese dutegerezwa kuwumuzimirizako.

  • NGO URI NUWERA WAPI URIRABURA KUKO UVUGA IBINTU BIRI VIDE D IDEES ET D ANALYSES!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.