IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Inyama y’inkoko iriko iribagirwa

Bujumbura : Inyama y’inkoko iriko iribagirwa

lundi 17 Ruheshi 2013

Igiciro c’inkoko caradugijwe kabiri nk’uko abazigura babituyagiye, ugereranije n’uko bahora bazirangura mu minsi iheze.Ubu igiciro c’inkoko ngo kigeze k’umafaranga ibihumbi 18 canke aregnga, ivyo rero bigatuma ibiciro vy’inyama y’inkoko bizimba mu buriro butandukanye.

Nk’uko abazana izo nkoko bazikuye mu ntara za ruguru babivuga, ngo kuva aho itike ryo kuduga ruguru ridugiye, nabo baciye baduza ibiciro. Inkoko nziza yahora igurwa ibihumbi 10, ubu igeze ku bihumbi 18 canke arenga, bigatuma abafise amabare hamwe n’uburiro butandukanye bagira ingorane y’ibiciro kuko ata muntu ashobora kugura inkoko irenza ibihumbi 25. Ubu rero bavuga ko baca bagura udukoko dutoduta, usanga ataho dutaniye n’imiswi.

Abaza kuzigura batumenyesheje ko atakundi bari bugire, kuko ngo uwushaka inkoko izimbutse bimusaba kwishikira mu ntara za Kayanza canke ingozi agaheza akazigurirayo, kuko imaze gushika i Bujumbura igira agaciro kanini.
Abasanzwe nabo bakunda akanyama k’inkoko bavuaga ko ubu bahevye kuzifungura kuko ibiciro vyazo atawobishobora.Ubu rero iyo mfungurwa ngo isigaye igoye kuronka kuko no mumazu y’uburiro batakirangura inkoko nyinshi bivanye n’uko zizimvye abantu bagaca bazitinya kuzigura.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.