Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Ntivyoroshe gutora abazoserukira abandi muri Primusic - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Bujumbura : Ntivyoroshe gutora abazoserukira abandi muri Primusic

Bujumbura : Ntivyoroshe gutora abazoserukira abandi muri Primusic

dimanche 18 Myandagaro 2013

Muri komine ya Kanyosha niho habereye igiteramo c’ihiganwa rya primusic, mu gihe hagombwa gutorwa abaririmvyi 12 kuri 20 bari baratowe mu bandi ngo baze baserukire igisagara ca Bujumbura.

Ico gikorwa co gutora abaririmvyi 12 nticari coroshe kuko muri abo bose 20 bari batowe mu bandi wabona basa n’abanganya ubuhinga. Ico giteramo rero citabwe n’abantu benshi ugereranije n’abagiye baracitaba mu ntara zindi zitandukanye n’aho imvura yariko iragwa kandi ari nyinshi. N’aho iyo mvura yagumye iriko iragwa ari nyinshi, abanyagihugu nticababujije ko bakura agahuzu bagatamba indirimbo z’abaririmvyi nka Mkombozi, Rally-Joe na Sat-B basanzwe ari abaririmvyi b’abarundi.

Umurwi ujejwe gutanga amanota ukaba waciye uja mu mwiherero maze uratora abantu 12 bazoserukira igisagara ca Bujumbura. Muri abo hakaba harimwo abasore, inkumi ndetse n’abagabo. Twobibutsa ko uyu murwi wabiga abazoserukira abandi muri iri higanwa rya primusic wari ugizwe n’abantu batatu, inyuma yo kwongeramwo abandi babairi aribo Steven Sogo umuririmvyi akundwa cane n’abantu benshi, hamwe na Amri Pro, asanzwe ari umuhinyanyuzi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.