IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uduhanga 2 tw’abantu dutekeye neza twafatiwe ku kibuga c’indege

Uduhanga 2 tw’abantu dutekeye neza twafatiwe ku kibuga c’indege

mardi 29 Gitugutu 2013

Hari uduhanga tubiri duhejeje gufatirwa kukibuga c’indege ca Bujumbura aho twari dutekeye neza, turungitswe mu gihugu ca Tayilande.

Amakuru ava kw’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA, avuga ko utwo duhanga tubiri twari dutekeye neza kandi tukaba twari tuje tuva muri posita, bivugwa ko twoba twari turungitswe n’uwitwa Kasim naho iryo zina batibaza cane ko ryoba ari iry’uwo yari aburungitse. Igipolisi c’Uburundi gikorera ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura kikaba cafashe utwo duhanga tubiri, gikoresheje ivyuma vyabo vya karuhariwe mu gusaka.

Gushika ubu uwari arungitse utwo duhanga n’uwari aburungikiwe ntibaramenyekana neza, ariko amatohoza akaba yatanguye nk’uko bishikirizwa n’umukuru w’ikiguga c’indege ca Bujumbura. Ico gikorwa cagenze neza ndetse nta n’umutekano cahungabanije.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.