IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Umunsi mukuru wo kurangiza umwaka wabaye mu mutekano muri (...)

Bujumbura : Umunsi mukuru wo kurangiza umwaka wabaye mu mutekano muri rusangi

jeudi 2 Nzero 2014

Mu gisagara ca Bujumbura, iminsi mikuru yo kurangiza umwaka w’2013 yagenze neza muri rusangi, umutekano wari wifashe neza, nta masanganya menshi yibonekeje.

Umwaka w’2013 waraye urangiye neza muri rusangi, umutekano wari umeze neza nk’uko bivugwa n’abajejwe umutekano.Ariko rero, hari igerenade yatewe ku nzu y’intwazangabo mu gipolisi iba muri komine ya Kinama. Imana yarakinze ntacononekaye. Hari isanganya kandi ryahitanye umuntu umwe hafi y’ibanki nkuru ya Republika y’Uburundi BRB (Banque de la Republique du Burundi).

Mu nkuka y’imisa yo gushimira Imana yo kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 1 Nzero 2013 kuri Cathedrale Regina Mundi, Musenyeri Ngoyagoye Varisito yaratanze ubutumwa bwa papa yarungikiye amashengero ya katolika yo kw’isi yose. Muri ubwo butumwa, papa Fransisko yatumiriye abakirisu bose gushira imbere ubuvukanyi kugira bashobore gukuraho ingorane zose zibahanze, na cane cane ubukene. Muri iyo nkuka y’imisa, Musenyeri Varisito Ngoyagoye yamenyesheje ko muri ubwo butumwa bwa papa ko ahari ubuvukanyi nyakuri, ata kwikunda kubaho, ata kwica imice canke intambara bibaho, nta ndyane ziharangwa ahubwo ahari ubuvukanyui nyakuri harangwa poritike ihuza abanyagihugu bose.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.