Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Umwimbu w’ifi waragabanutse cane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bujumbura: Umwimbu w’ifi waragabanutse cane

Bujumbura: Umwimbu w’ifi waragabanutse cane

mercredi 12 Ruheshi 2013

N’aho ibikoresho bibangamira ubuzima bw’ amafi mu kiyaga ca Tanganyika bigaragara ko Leta y’Uburundi yabihagurukiye kugire ibituze, n’ubu ababikoresha ntibabuze kandi ubwo buhinga bubi bukoreshwa mu kuroba, akaba aribwo butuma amafi agabanuka mu kiyaga ca Tanganyika.

Muri uyu mwaka rero w’2013, umwimbu w’ifi waragabanutse cane, aho havurwa ko habonetse amatoni ashika ku bihumbi cumi na bibiri gusa, mu gihe mu myaka y’2000 haboneka itoni ziva ku bihumbi 17 gushika kw’itoni 20 nk’uko bishikirizwa na Antoine Kiyuku umuhinga mu bijanye n’ukuroba mu mugambi wo kunagura ikiyaga ca Tanganyika.

Ibituma rero umwimbu ugabanuka mu kiyaga ca Tanganyika, ngo si ibikoresho bibi bikoreshwa, ahubwo n’imyanda iva mu mahinguriro atandukanye yisuka mu kiyaga aratuma umwimbu ugabanuka mu kiyaga.

Igabanuka ry’umwimbu w’amafi ryaragize ingaruka mu gisagara ca Bujumbura, aho igiciro c’amafi caduze, ariko rero abanyagihugu bagasaba ko abajejwe umutekano bokora ibishoboka bagatuza iyo ngeso y’ukurobesha izo nsenga zifise ubumara buhonya ibinyabuzima biba mu kiyaga ca Tanganyika.


Aristide Nizigire``

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.