IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Buramatari wa Makamba aragabisha abanyagihugu bo ku musozi Mbizi

Buramatari wa Makamba aragabisha abanyagihugu bo ku musozi Mbizi

jeudi 17 Ntwarante 2016, par egide

Buramatari w’intara ya Makamba Gad NIYUKURI amenyesha ko agiye guhasha abanyagihugu bo ku mutumba Mbizi kuko bamaze kwigira akagararuganda, mu kugandagura indongozi.

Inyuma y’igandagurwa rya Pascal KAZUNGU, umwe muri batanu batowe ku musozi Mbizi muri komine Kibago, intara ya Makamba, Buramatari w’intara ya Makamba yamenyesheje ko abantu bo ku mutumba wa Mbizi bigize akagaramaruganda, kuko ku bwiwe, no mu ntango z’ukwezi kw’icenda bishe umukuru wa Zone Kibago.

Gad NIYUKURI avuga ko ari kumwe n’abajejwe intwaro, umutekano hamwe n’ubutungane, bagiye gufata ingingo ruhasha ku banyagihugu bo kuri uwu mutumba, babahagurukire bimwe biboneka, bakagirizwa ko bashaka gusubiza inyuma intara ya Makamba.

Buramatari w’intara ya Makamba yamenyesheje kandi ko amatohoza yamaze gutangura ku rupfu rwa Pascal KAZUNGU, umwe muri batanu batowe ku musozi Mbizi muri komine Kibago, hakaba hamaze gufatwa abantu batatu ku mvo z’amatohoza, muri abo batatu hakaba harimwo umwe yari amaze igihe ataboneka, nk’uko vyashikirijwe na Gad NIYUKURI, uwo muntu akaba yahora agenda agaruka i Bujumbura, bikavugwa ko yahora aja no mu Rwanda.

Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba Mbizi bakaba bafise ubwoba ko bashobora kuzira umukeko, bakagira amakenga ko hashobora gufatwa abantu mu kivunga, cane cane abatavuga rumwe n’ubutegetsi.


IGIHE

Messages

  • Nyakubahwa buramatari nukuri muhashe abo biyita ngo ni basindumuja ikindi naco umuntu avugako atavuga rumwe numubyeyi uwo numwansi wigihugu akwiy kurwanywa yivuwe inyuma nka bakoroni murakoz muhashe izo ntozo abambuzi mukoreshe ubuhinga bwose mwize.

  • Mutohoze,nezamtagira,uwo,mubeshera,nabanzi,bigihugu,mumubaze,mpamvu,arenga,igihugu,iyaba,agiye?

  • None Reta Ya NKURUNZIZA Ntitubizi Ko Arivyo Bikorwa Vyayiranze Vyo Guhohotera Abatavuga Rumwe Nubutegetsi Abokumutumba Mbizi Murabe Maso Reta Ya NKURUNZIZA Irabahagurukiye.

  • Mbega buramatari muzima arubahuka kuvuga ibintu nkivyo abibwira abashinzwe kurinda wumva haraho musigaye mutaniye nababategetsi bomurwanda muri 94 biyita ngonabatabazi bakirirwa bahamagarira abantu kumara abandi mbega kwatawuzu umusi nisaha kurucirabandi ubwowosanga ariwe ruhereyeko imbere yabo mbe warabajije abaribavuze ko bagiye guteza umuhero ubu iyobavugira jewe nibazako uburundi bushobora kuba burongowe nabantu badakomeye mumutwe kuko amajambo muvuga aramaramaje

  • Utwo Twimujeri Nukudutuza Mpaka Kukanyuma Mbe Nkakarorero Amatora Yararangiye Uwitwa Kwatavuga Rumwe Nareta Wese Nukumukorerako Kuko Ntakuntu Atovuga Rumwe Nareta Kandi Ariyimutwara

  • Nibarabe Neza Ntibajaniranye.

  • Uwo bura matare wa Makamba nareke kumaramarira kubanyagihugu, abo bantu bicwa na zambonerakure bahereza ibirwa nisho ziriko zirabamara. Akarorero porovesi Makamba ni yo ifise abantu beshi bahunzi gihugu cabo, kubwizo mbonerakure zirirwa zirabatoteza, zibahora kobatemera kwifatanya nabo mububisha bwabo. uwonawe bafashe ngo agenda mu Bumbura, neno haritegeko rya sohotse kumuntu, ategerezwa kuguma muntara yi we? kuba havurwa ko uwomuntu kwaja mu rwanda ivyerekana kwajayo birihehe? hari pasiporo bamufatanye imuranga ko yahora murwanda? bakaba bayi musanganye ya yi hawe nareta harico bari bamutunyeyo nti ya gikora kuko bamutumye none baramuhindutse. Abo ba CDD FDD turabatahura iyo babona ahabantu bibaniye mumahoro bagerageza guheba umwe muribo bakamwica kugira baronke uburyo bohungabanya umutekono wabobantu bibaniye neza. ivya bo birazwi kwari bantagomba mahoro, Wi kebuke Gad nutwari twariyu mutima ntitwangare, ntu twangaze sha.

  • Hewe uburundi bugeze ahumwanzi ashaka. abatirage babaye ipfungwa mugìhugu!!!!!

  • EREGA ABASANZA CHEQUE BARAGERUTSE NTIBAHEZE,BOHERA MUGIHE TWONYWERA ICAYI IKIGARI KAND TWEBWE DEMOBILIZE TWOBISHOBORA NUKO LETA YATWANKIYE!KU MBIZI NTA NYABUNE IKORA!AHUBWO HUZUYE ABASANZA CHEQUE!NUKURABA EREGA ABASANZA CHEQUE BARAGERUTSE NTIBAHEZE,BOHERA MUGIHE TWONYWERA ICAYI IKIGARI KAND TWEBWE DEMOBILIZE TWOBISHOBORA NUKO LETA YATWANKIYE!KU MBIZI NTA NYABUNE IKORA!AHUBWO HUZUYE ABASANZA CHEQUE!NUKURABA NEZA!

  • EREGA ABASANZA CHEQUE BARAGERUTSE NTIBAHEZE,BOHERA MUGIHE TWONYWERA ICAYI IKIGARI KAND TWEBWE DEMOBILIZE TWOBISHOBORA NUKO LETA YATWANKIYE!KU MBIZI NTA NYABUNE IKORA!AHUBWO HUZUYE ABASANZA CHEQUE!NUKURABA EREGA ABASANZA CHEQUE BARAGERUTSE NTIBAHEZE,BOHERA MUGIHE TWONYWERA ICAYI IKIGARI KAND TWEBWE DEMOBILIZE TWOBISHOBORA NUKO LETA YATWANKIYE!KU MBIZI NTA NYABUNE IKORA!AHUBWO HUZUYE ABASANZA CHEQUE!NUKURABA NEZA!

  • Nukuri Nakore Ukwashoboye Agarukane Umutekano Muntara Yiwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.