Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burikukiye : "Imbonerakure ifashwe mw’ikosa ihanwe ku giti cayo" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Burikukiye : "Imbonerakure ifashwe mw’ikosa ihanwe ku giti cayo"

Burikukiye : "Imbonerakure ifashwe mw’ikosa ihanwe ku giti cayo"

lundi 7 Ndamukiza 2014

Mu gihe amatora yo mu mwaka w’2015 yegereje, ibimenyetso bigaragaza ukutihanganiranira muri politike biribonekeza mu ntara zitandukanye, aho ugushamirana kuguma kwibonekeza mu banyamigambwe.

Zimwe mu ntara z’igihuguhakaba havugwa imishamirano hagati y’urwaruka rwa ADC Ikibiri n’umugambwe CNDD FDD, canke Imbonerakure n’urwaruka rwa FRODEBU Nyakuri canke aba JRR. Iyiza kw’isonga n’intara ya Kirundo, aho ndetse buramatari w’iyo ntara ubwiwe yagirijwe guhamagarira abo basangiye umugambwe gupingura ibipinga, ndetse n’intambara yahuje bamwe mu banywanyi b’imigambwe ya ADC Ikibiri n’Imbonerakure za CNDD FDD mu ndwi irangiye, akagirwa kuba yarenyegeje.

Imbonerakure za CNDD FDD zikaba zagirwa no mu zindi ntara kuba zihohotera abanyagihugu batavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi. Ariko mu mugambwe uri ku bitegetsi ho, bipfuza ko Imbonerakure yose ifashwe, yohanwa kugatwe kayo, ntisubire kwitirirwa abanywanyi b’uyo muhari. Victor Burikukiye icegera ca kabiri c’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, yamenyesheje ko ubabajwe cane n’ibimaze iminsi bica ku maradiyo amwe amwe aho bamenyesha ko urwaruka ruwukomokamwo, Imbonerakure rwirirwa rurakorera ikibi abenegihugu.

Uwo mugambwe umenyesha ko abashikiriza ayo majambo baba batatohoje neza, bagaca batwarira hejuru. Ivyo ngo vyerekana ko baba bafise izindi ntumbero. Burikukiye aributsa abajejwe intwaro, umutekano n’ubutungane ko umuntu afashwe mu kibi imbere y’uko aba imbonerakure abanza kuba umurundi afise amateka n’amategeko bimugenga. Rero Imbonerakure ifashwe mu kibi yohanwa hakurikijwe amategeko, kw’izina ryayo no ku giti cayo, aho guca bishirwa ku mugambwe CNDD- FDD narirya uba utamutumye.


Aristide Nizigire

Messages

  • none sivyo ?nimuherekwabo bategetsi bazishigikira .

  • komera rwaruka pingura ivyo bipinga bigomba gutera intambara twibereye mumahoro turya tukaryama ataco dukenye muri buno Burundi!Songambere basha!!

  • Muntuwanditse ukoresheje izinaryanje kwi comment ivugango: Komera rwaruka pingura ivyo bipinga ETC singaye ivyowanditse kukonuburenganzirabwawe bwokwandika ibirikumutima, arikowarigukoresha akandikazina. Nonesivyo gamwene data? Imana igufashe gose.

  • Wewuvugangobakomere urimbwitagirumurizo ntantwaro yumugambwumwe dukeneye muburundi muragowe basha uruhigi ruhindukiye agakara gahigimba .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.