IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Abagendana ubumuga ntiborohewe mu kuronswa ubuzi

Burundi : Abagendana ubumuga ntiborohewe mu kuronswa ubuzi

jeudi 17 Ndamukiza 2014

Abagendana ubumuga ntiborohewe mu buzima bwabo bwa minsi yose. Zimwe mu ngorane bahura nazo, akaba ari ukwinubwa mu kibano. Mu Burundi, ibice bibiri gusa kw’ijana vy’abagendana ubumuga, nivyo vyonyene bironswa ubuzi nk’abandi.

Nk’uko vyameshejwe na Jean-Claude Niyongabo, icegera ca mbere c’umukuru w’ishirahamwe ry’abagendana ubumuga mu Burundi, UPHB (Union des Personnes Handicapees au Burundi), abagendana ubumuga mu Burundi ntiborohewe mu bijanye no kuronswa ubuzi kugira bibesheho.
Kubwa Jean-Claude Niyongabo, ibice bibiri kw’ijana vy’abaronswa ubuzi ni bike cane ugereranije n’abagendana ubumuga mu Burundi basanzwe bagera ku bice 15 kw’ijana.

Yisunze icirwa cakozwe n’ishirahamwe UPHB, Niyongabo amenyesha ko intambanyi zikiri nyinshi ku bagendana ubumuga mu Burundi ku bijanye no kuronswa ubuzi. Zimwe mu ntambanyi, akaba ari ukudashobora gukora akazi neza kubw’imibiri yabo yamugaye. Ku mahinguriro (entreprises) agera ku 317 yagendewe, imwe yonyene niyo yonyene yategekanijwe ibibanza vyorohereza bose.

Iyindi ntambamyi ku bagendana ubumuga niyo kwinubwa no kwama bacibwa imanza mu kibano. Jean Claude Niyongabo avuga ko mu buzi bugera ku bice 83 kw’ijana bagendeye, abegendana ubumuga bagera ku bice 17 kw’ijana, bavuga ko bafise ingorane yo kutemerwa mu buzi baba barimwo.

Kubwiwe, itegeko ryo kubanza gutanga igipapuro cerekana ko ata bumuga umuntu agendana (certificat d’aptitude physique) kugira umunru aronswe akazi biri mu bituma abagendana ubumuga bataronswa ubuzi.

Kugira ico kibazo c’abagendana ubumuga gitorerwe inyinshu, icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’abagendana ubumuga mu Burundi yasavye ko Reta y’Uburundi yokwisunga amategeko mpuzamakungu mu gushinga itegeko rishasha rizotuma abagendana ubumuga baronswa ubuzi bitagoranye.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.