Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Ibanki CRDB-Inyenyeri izofasha mw’iterambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Burundi: Ibanki CRDB-Inyenyeri izofasha mw’iterambere

Burundi: Ibanki CRDB-Inyenyeri izofasha mw’iterambere

mercredi 2 Nzero 2013

Ibanki CRDB imwe mu mabanki akomeye mu gihugu ca Tanzaniya iheruka gutanguza ibikorwa IBujumbura ikaba izofasha mu bikorwa vy’iterambere m’UBurundi.

Ibanki CRDB imwe mu mabanki akomeye mu gihugu ca Tanzaniya yaratanguje ibikorwa mu gihugu c’UBurundi ikaba yatanguje umutahe ungana n’imiriyoni cumu z’amadorare y’abanyamerika.Uretse uwo mutahe muvyo ubudandaji,iyo banki ikaba yemeye kuzofasha mu gisata c’indero mu mashuri yisumbuye hamwe no mu gisata c’inkino.

Ni muri iyo ntumbero nyene igihe yariko arashikiriza ijambo mu birori vyo kwugurura ibikorwa vy’iyo banki umukuru w’iyo Banki m’UBurundi Docteur Charles Kimei,yavuzeko bazotanga amafaranga angana ibihumbi 20 000 vy’amadorari y’abanyamerika mu gushigikira umukuru w’igihugu mu nyubako y’ikibuga mpuzamakungu kizokwubakwa mu ntara ya Cibitoki,akaba yaremeje kandi ko bazokorera abanywanyi ibikorwa bishimishije.

Umukuru w’ibanki CRDB yabandanije amenyesha ko mu gihe UBurundi ari nk’umukinyi ngenderwako mu butunzi bwo mu karere,igikorwa cabo ari ico gushiraho uburyo bwiza bwo gutuma igihugu gitera imbere babicishije mu mashirahamwe mato mato na manini,kandi ko bazofasha cane mu gisata c’uburimyi mu gihe arico gitunze abarundi benshi.

Docteur Kimei akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba ibanki nkuru y’igihugu n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta gukora ibishoboka vyose kugira ngo ibikorwa vy’amabanki vyoroherezwe kandi ko banezerezwa n’ukuntu boroherezwa mu gikorwa mu gihugu.

Umukuru w’igihugu kubwiwe ngo harakenewe amabanki azoshika ku banyagihugu akabashikiriza ivyo bakeneye,yongera abamenyeshako abanywanyi babo bazokenera ibikorwa biborohereza.

Ibanki CRDB rero ikaba yiyemeje gukorera neza abanywanyi ngo nkuko ibigira mu gihugu ikomokamwo ca Tanzaniya.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.