Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ibiciro vyo kwiyunguruza vyagabanuwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Burundi : Ibiciro vyo kwiyunguruza vyagabanuwe

Burundi : Ibiciro vyo kwiyunguruza vyagabanuwe

mercredi 14 Nzero 2015

Ibiciro vyo kwiyunguruza vyagabanutse inyuma y’aho igiciro c’igitoro kigabanukiye. Igiciro co kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura cavuye ku 340 y’amarundi kija ku mafaranga amajana atatu na mirongo ibiri (320FBU)

Nk’uko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji n’amahinguriro kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 13 Nzero, ibiciro vy’ukwiyunguruza yaba mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu vyagabanuwe. Hagati mu gisagara ca Bujumbura igiciro c’ukwiyunguruza cavuye ku mafaranga amaja atatu na mirongo ine (340FBU) kija ku mafaranga amajana atatu na miringo ibiri (320Fbu). Hagati mu gihugu naho ibiciro vyo kwiyunguruza vyagabanutse ku bice bitandatu kw’ijana.

Tubamenyeshe ko ivyo biciro bigabanuwe inyuma yaho ibiciro vy’igitoro bigabanuwe kw’isoko mpuzamakungu, nk’uko bimenyeshwa n’ubwo bushikiranganji bw ‘ubudandaji ,amahinguriro n’ingenzi. Tubibutse ko igiciro c’iritiro ya essence cavuye ku mafaranga 2220 kija ku mafaranga 2050 y’amarundi, iritiro rya gasoil yavuye ku mafaranga 2150 rija ku mafaranga 2050, iritiro rya peterori ryavuye ku 1920 rija ku mafaranga 1790.


Floxella Karire

Messages

  • Ubwambere twobanzagushima tukagira icotuvuze munyuma, rekandababwire akantu niyumvuriye, burya muraruamahera babagabanije kugitoro mwahoramutanga mukugura igitoro yomwayagaburamwo kabiri nabanwanyi banyu mugasigarana igice nabo mukabaha igice mwohomba? Ukwoburokwose ntibibuza kotugunatubakunda cariciyumviro gusa kuko ikintucotuma muhomba ntimugokore.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.