Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Ibisata vy’ubuhinga n’ubushakashatsi bigiye gutezwa imbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Burundi: Ibisata vy’ubuhinga n’ubushakashatsi bigiye gutezwa imbere

Burundi: Ibisata vy’ubuhinga n’ubushakashatsi bigiye gutezwa imbere

mardi 28 Rusama 2013

Ubushikiranganji bujejwe ubushakashatsi n’inyigisho za kaminuza bwateguye uruganda ruzomara iminsi ibiri kuva kw’igenekerezo rya 28 gushika ku wa 29 Rusama mu nyubakwa za CELAB.

Urwo ruganda rukaba rufise intumbero yo guteza imbere ubushakashatsi, ubuhinga no gutora ibintu bishasha, ivyo rero bigakunda babicishije mu gushirahamwe ibiba vyavuye mu bikorwa vy’ubushakashatsi biba vyashizwe ahabona (thèse de doctorat).
Urwo ruganda rukaba rwuguruwe icese n’umushikiranganji ajejwe ubushakashatsi n’inyigisho za kaminuza Yozefu Butore.

Mw’ijambo ryiwe akaba yashikirije ko intumbero ya mbere ari kugira bahe inguvu ico gisata c’ubushakashatsi, ubuhinga kugira berekane akamaro k’ ico gisata mu gufasha mw’iterambere rirama ry’abanyagihugu. Ikigira kabiri yamenyesheje ko afise akanyamuneza ntangere kuko kugira habe iterambere rirama hamwe no guteza imbere ico gisata c’ubushakashatsi n’uko ubwa mbere ubanza kurondera ingabire zihari hama ukaziha agaciro kugira habeho ibikorwa vy’ubushakashatsi ngirakamaro.
Kugira ivyo bishikweko n’uko bose ababijejwe baja hamwe n’ukuvuga inyigisho za kaminuza zose hamwe n’ibisata vyose vy’ubushakashatsi.

Urwo ruganda rero rukaba rufise intumbero yo gutangurira ku bihari, ku vyakozwe mu bushakashatsi n’ubuhinga ari ryo soko ry’iterambere rirama ku burundi n’abarundi bose, kari n’akaryo ko guhimiriza abitavye uruganda ku kamaro k’ubuhinga n’ubushakashatsi mw’iterambere ry’igihugu. Ni akaryo kandi ko kuraba iterambere rimaze gushikwako mu bushakashatsi n’ubuhinga mu gihugu cacu.

Umushikiranganji Butore yongeye aravuga ko urwo ruganda rufise intumbero yo gutera akamo abo bose bagikekeranya ku kamaro n’ibikorwa vy’abashakashatsi bacu.
Kugira uwo mugambi wo guteza imbere ubushakashatsi ushoboke haramaze gushirwaho umugambi w’itegeko ushiraho umurwi w’igihugu w’ubushakashatsi CNTSTI nk’uko bitegekanijwe mw’itegeko 100/251 ryo kw’igenekerezo rya 03/10/ 2011 aho ritegekanya ihindurwa ry’ukuntu ubushikiranganji bukora.

Uwo murwi rero ukazoba ufise igikorwa co guteza imbere no guha agaciro ivyo bikorwa vy’ubushakashatsi mu gihugu, aho bazoha amapete hamwe no gukingira ibikorwa vy’abashakashatsi (droit d’auteur).

Mu kurangiza ijambo ryiwe yatumiriye abari aho bose ko bokora ibishoboka vyose kugira ubushakashatsi buje hejuru y’ibindi vyigwa bisanzwe umuntu aronkera mw’ishure hamwe umuntu asubiramwo ivyakozwe, n’abandi bitigeze bihindura cane imibereho y’abanyagihugu. ‘’Ubu rero ijambo ubushakashatsi si ijambo ataco rimaze ahubwo n’umwambiro ukomeye utuma isi itera imbere none kubera iki hatoba mu burundi?’’ Bibandanya bivugwa n’umushikiranganji Yozefu Butore.

Urwo ruganda rero rukaba rwari rwitabwe n’abarongoye amashure y’akaminuza ,abaserukira imbere y’amategeko ,abakoze ibikorwa vy’ubushakashatsi bamwe twita abadogiteri bamwe bamwe mu bisata vyinshi bitandukanye nk’
amazi, ibidukikije, uburimyi, ugutumatumanako amakuru, ibiharuro ...Haciye haba akaryo kuri abo bakoze ubushakashatsi kwerekana ibikorwa vyabo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.